Skip to content
الأحزَاب /

Ayah 37

33 : 37
الأحزَاب Ayahs 73
Surah · الأحزَاب
Ikirundi · Gehiti
33 : 37

وَإِذۡ تَقُولُ لِلَّذِيٓ أَنۡعَمَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِ وَأَنۡعَمۡتَ عَلَيۡهِ أَمۡسِكۡ عَلَيۡكَ زَوۡجَكَ وَٱتَّقِ ٱللَّهَ وَتُخۡفِي فِي نَفۡسِكَ مَا ٱللَّهُ مُبۡدِيهِ وَتَخۡشَى ٱلنَّاسَ وَٱللَّهُ أَحَقُّ أَن تَخۡشَىٰهُۖ فَلَمَّا قَضَىٰ زَيۡدٞ مِّنۡهَا وَطَرٗا زَوَّجۡنَٰكَهَا لِكَيۡ لَا يَكُونَ عَلَى ٱلۡمُؤۡمِنِينَ حَرَجٞ فِيٓ أَزۡوَٰجِ أَدۡعِيَآئِهِمۡ إِذَا قَضَوۡاْ مِنۡهُنَّ وَطَرٗاۚ وَكَانَ أَمۡرُ ٱللَّهِ مَفۡعُولٗا

Muvugishwamana! Ibuka igihe Zayidi mwene Haaritha ahabwa n’Imana Allah inema y’ukuba umwislamu, maze na we ukamugirira ubuntu bwo kumuha ubwigenge ukamubarira uti: “Kenyera wubake rugume, nturote wahukana n’umukenyezi wawe Zayinabu mwene Jahshi, maze utinye Imana Allah”; uraheza uhisha mu mushaha wawe ivyo Imana Allah Yahavuye Ishira ahabona, ko Zayinabu niyahukana na Zayidi, ari wewe uzoca umwabira; ugira n’impungenge zo kwanka ko indyarya zovuga ko wabiriye uwahoze ari umukazana wawe, kandi Imana Allah ari Yo wategerezwa gutinya kurusha. Zayidi rero amaze kwahukana na Zayinabu, Zayinabu agaheza ikiringo ciwe co kwarama, Twebwe Allah Twaramugushingiye, kugira ubere abemeramana imboneza n’imurikizi mu kutaziririza gushingirwa abahoze ari abakenyezi b’abana b’abarerano inyuma yo kwahukana. Burya ingingo y’Imana Allah, yamye ari yo ija mu ngiro ata gisivya.

Explanation & meanings · 1
  1. Zayidi mwene Haaritha yarerewe ku Ntumwa, ico gihe umwana w’umurerano yafatwa nk’aho ari umwana w’uwamureze akanamwitirirwa kw’izina. Ivyo rero, vyahagaritswe n’ihishurwa rya Aayah ya 5 iri muri iki gisomwa c’Ingabo ziyunze “Al-Ahzaab”.