Skip to content

"Iyo Imana Allah Igenye isango ry'ishirwa mu ngiro ry'urupfu rw'umuja ko rizomushikira ari ahantu hanaka, Iraheza Igatuma nya muja akenera ikintu gituma ajayo".

Mu vyakiriwe na Matwar mwene Ukaamisi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:.

"Iyo Imana Allah Igenye isango ry'ishirwa mu ngiro ry'urupfu rw'umuja ko rizomushikira ari ahantu hanaka, Iraheza Igatuma nya muja akenera ikintu gituma ajayo".

«إِذَا قَضَى اللَّهُ لِعَبْدٍ أَنْ يَمُوتَ بِأَرْضٍ جَعَلَ لَهُ إِلَيْهَا حَاجَةً».

Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy
Inyigishi y'intumwa yemewe
Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) arigana ko Imana Allah iyo Igenye ishirwa mu ngiro ry'ivyagezwe ku rupfu rw'umuja azopfira ahantu hanaka, maze nya muja akaba atari nya hantu, Iraheza Ikamugirira igituma akenera kuja nya hantu, maze yajayo agapfirayo.

Insobanuro y'amajambo

...:

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

Iyi nyigisho y'intumwa, ishimangira neza na neza n'iryavuzwe n'Imana Allah, aho Ivuga Iti: {nta n’ikiremwa na kimwe gifise ubuzima kizi isango n’ahantu kizopfira} (Luqmaani: 34).

Ibitabu vyisunzwe mu kwandika

Igitabu "Sunanu Al-Tirmidhiy" (4/ 23) (2146).

Ivyiyongeyeko (1)

تحفة الأحوذي (6/ 299).