Skip to content

"Nimwirinde umwanda w'iki caha (c'ubusambanyi) Imana Allah Yabujije ko gikorwa. Uwo wese rero azokigwamwo, arakigira ibanga mu gihe Imana Allah Yamugumirije akabanga ntimugaragaze, aheze yibwirize kwigaya ku Mana Allah; kuko mu vy'ukuri, uwuzotugaragariza ibiri mu gitabu ciwe c'ivyaha, tuzomuhanisha ingingo mpanavyaha ziri mu Gitabu c'Imana Allah Nyenintsinzi, Nyenicubahiro".

Mu vyakiriwe na Abdillahi mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi) ni uko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yahagaze mu nyuma yo gutera amabuye Al-Aslamiy, ica ivuga iti:

"Nimwirinde umwanda w'iki caha (c'ubusambanyi) Imana Allah Yabujije ko gikorwa. Uwo wese rero azokigwamwo, arakigira ibanga mu gihe Imana Allah Yamugumirije akabanga ntimugaragaze, aheze yibwirize kwigaya ku Mana Allah; kuko mu vy'ukuri, uwuzotugaragariza ibiri mu gitabu ciwe c'ivyaha, tuzomuhanisha ingingo mpanavyaha ziri mu Gitabu c'Imana Allah Nyenintsinzi, Nyenicubahiro".

«اجْتَنِبُوا ‌هَذِهِ ‌الْقَاذُورَةَ الَّتِي نَهَى اللَّهُ عَنْهَا فَمَنْ أَلَمَّ فَلْيَسْتَتِرْ بِسِتْرِ اللَّهِ وَلْيُتُبْ إِلَى اللَّهِ، فَإِنَّهُ مَنْ يُبْدِ لْنَا صَفْحَتَهُ نُقِمْ عَلَيْهِ كِتَابَ اللَّهِ عز وجل».

Yashikirijwe na Al-Haakim na Al-Bayhaqiy
Inyigishi y'intumwa yemewe
Ugusobanura

Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi) yaratwiganiye ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yahagaze inyuma y'aho ahereje gutera amabuye Maa'izi mwene Maaliki Al-Aslamiy (Imana Allah Imwishimire) mu gushira mu ngiro ingingo mpanavyaha y'igihano c'ubusambanyi, aca ashikiriza ijambo abari ng'aho ati: Nimwirinde umwanda w'iki caha c'ubusambanyi kiri mu vyaha vyabujijwe n'Imana Allah ko bikorwa; uwuzoramuka rero akiguyemwo, abwirizwa kugira ibintu bibiri: Ica mbere: ni uko yokwihorera maze bikaguma mw'ibanga mu gihe yagumirijwe akabanga n'Imana Allah, ntaheze ngo yiyandagaze mu kuyagira abandi icaha yaguyemwo. Ica kabiri: ni uko yokwihutira kwigaya ku Mana Allah ata kudandabagira (gutsimbatara) kuri nya caha ngo nzoba ndigaya; uwo wese rero azotugaragariza icaha ciwe yakoze tuzoheza tumuhanishe igihano mpanavyaha c'uwagiriwe n'ico caha, kiri mu Gitabu c'Imana Allah Nyenintsinzi, Nyenicubahiro.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

Guhimiriza umuntu akoze icaha ko akigira ibanga, maze akigaya mw'ibanga ku caha yakoze kiri hagati yiwe n'Imana yiwe Rurema Allah.

Ivyaha bihanishwa ibihano mpanavyaha vyagenwe n'amategeko y'ubwislamu iyo bishikiriye umutware akabimenya, ategerezwa gushira mu ngiro igihano mpanavyaha gitegekanijwe.

Ni ngombwa kwirinda kugwa mu vyaha, maze hakaba ukwigaya kuri vyo mu kuvavanura na vyo.

Ibitabu vyisunzwe mu kwandika

Igitabu "Al-Sunanu Al-Kubraa" ca Al-Bayhaqiy (8/ 572).

Ivyiyongeyeko (8)

المستدرك على الصحيحين للحاكم (4/ 272) (7615).

منحة العلام في شرح بلوغ المرام.

لعبد الله الفوزان (8/ 435).

فتح ذي الجلال والاكرام بشرح بلوغ المرام.

لابن عثيمين (5/ 370).

توضِيحُ الأحكَامِ مِن بُلوُغ المَرَام.

للبسام (6/ 249).

شرح الزرقاني على موطأ الإمام مالك (4/ 235).