"Mu vy'ukuri, ukwemera kurasaza mu kugabanuka mu mushaha w'umwe muri mwebwe; nka kurya impuzu isaza igatabuka. Enda rero nyabuna, ba musaba Imana Allah ko Yokwama Yabasubirije itoto ukwemera mu mitima yanyu".
Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Amri mwene Al'Aasw (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Mu vy'ukuri, ukwemera kurasaza mu kugabanuka mu mushaha w'umwe muri mwebwe; nka kurya impuzu isaza igatabuka. Enda rero nyabuna, ba musaba Imana Allah ko Yokwama Yabasubirije itoto ukwemera mu mitima yanyu".
«إِنَّ الْإِيمَانَ لَيَخْلَقُ فِي جَوْفِ أَحَدِكُمْ كَمَا يَخْلَقُ الثَّوْبُ الْخَلِقُ، فَاسْأَلُوا اللَّهَ أَنْ يُجَدِّدَ الْإِيمَانَ فِي قُلُوبِكُمْ».
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aravuga ko ukwemera gusaza mu mutima w'umwislamu maze kukagoyagoya, nka kurya impuzu nshasha isaza bivanye n'uko yambawe igihe kirekire; ivyo bigaterwa n'idebukirwa mu bikorwa nyegerezamana, canke ugukora ivyaha no gutwarwa n'ivyipfuzo vy'umuntu. Ni co gituma rero Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaturarikiye mu kutwerekeza kwama twasavye Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere kugira Idusubirize itoto ukwemera kwacu, biciye mu gutsimbataza ibikorwa nyegerezamana bitegetswe, kurushirizaho ininahaza n'itaziramana hamwe rero no kurushirizaho gusaba ikigongwe ku vyaha.
...:
Guhimiriza abantu kwama basavye Imana Allah ko Ibatsimbataza ku kwemera Ikanasubiriza itoto ukwemera kwabo mu mutima.
Ukwemera, ni imvugo ijana n'ingiro hamwe n'ukwemanga mu mutima, kwongerezwa n'iyumviramana kukagatubanurwa n'ivyaha.
Ivyiyongeyeko (7)
المستدرك على الصحيحين للحاكم (1/ 45) (5).
المعجم الكبير للطبراني (13/ 36) (84).
النهاية في غريب الحديث والأثر.
ص(282).
النهاية (1/316).
فيض القدير (2/323).
التنوير شرح الجامع الصغير (3/434).
Cited in books
2 BooksIvyiyongeyeko (2)
- الخطب المنبريةموسوعة الخطب المنبرية (القسم الأول)«إِنَّ الإِيمَانَ لَيَخْلُقُ فِي جَوْفِ أَحَدِكُمْ كَمَا يَخْلُقُ الثَّوْبُ؛ فَاسْأَلُوا اللَّهَ أَنْ يُجَدِّدَ الإِيمَانَ فِي قُلُوبِكُمْ»
- الخطب المنبريةموسوعة الخطب المنبرية (القسم الأول)«إِنَّ الإِيمَانَ لَيَخْلُقُ فِي جَوْفِ أَحَدِكُمْ كَمَا يَخْلُقُ الثَّوْبُ؛ فَاسْأَلُوا اللهَ أَنْ يُجَدِّدَ الإِيمَانَ فِي قُلُوبِكُمْ»