Skip to content
Surah List /

المَعَارج

المَعَارج is chapter 70 of the Quran and has 44 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

44 Ayahs Surah No. 70
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

سَأَلَ سَآئِلُۢ بِعَذَابٖ وَاقِعٖ

Yarasavye umusavyi igihano gitegerezwa gushika;

Explanation & meanings · 1
  1. Yitwa An-Nadhru mwene Al-Haarith

لِّلۡكَٰفِرِينَ لَيۡسَ لَهُۥ دَافِعٞ

Kizoshikira abagarariji ku musi w’izuka, nta n’umwe ashoboye kugihagarika;

مِّنَ ٱللَّهِ ذِي ٱلۡمَعَارِجِ

Kiva ku Mana Allah, Nyeninzira zicamwo gusa abamalayika mu kirere;

تَعۡرُجُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ وَٱلرُّوحُ إِلَيۡهِ فِي يَوۡمٖ كَانَ مِقۡدَارُهُۥ خَمۡسِينَ أَلۡفَ سَنَةٖ

Abamalayika hamwe na Mutimamweranda Jibrili, bazoduga muri izo nzira baja ku Mana Allah, ku musi w’izuka, ku ntureka zawo uzoba ungana n’imyaka yo kw’isi ibihumbi mirongo itanu.

Explanation & meanings · 1
  1. Uwo, ni wo musi w'iharurirwa ry'ibiremwa no kubicira urutunganye. Ku mwemeramana, azowubona ari akanya gato, kangana n'umwanya isengesho rimwe rimara.

فَٱصۡبِرۡ صَبۡرٗا جَمِيلًا

Ntumwa y’Imana! Ihanganire ata kwidogera itebura ry’abagarariji mu kwihutira gusaba ko bohanwa.