Skip to content
Surah List /

الفُرقَان

الفُرقَان is chapter 25 of the Quran and has 77 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

77 Ayahs Surah No. 25
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

تَبَارَكَ ٱلَّذِي نَزَّلَ ٱلۡفُرۡقَانَ عَلَىٰ عَبۡدِهِۦ لِيَكُونَ لِلۡعَٰلَمِينَ نَذِيرًا

Harakubahwa Imana Allah Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, Yo Yamanuriye Qor’ani itandukanya ukuri n’ikinyoma Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kugira agabishe abantu n’amajini ku bihano vyayo.

ٱلَّذِي لَهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَلَمۡ يَتَّخِذۡ وَلَدٗا وَلَمۡ يَكُن لَّهُۥ شَرِيكٞ فِي ٱلۡمُلۡكِ وَخَلَقَ كُلَّ شَيۡءٖ فَقَدَّرَهُۥ تَقۡدِيرٗا

Ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, ntiyigeze namba Inigenera umwana, eka ntiyigeze Igira n’umubangikanyi mu nganji y’ubwami bwayo, Yaremye ikintu ico ari co cose mu buryo bukibereye, Iraheza Irakigerera n’ibigikwiye ata gahaze canke akanenge.

وَٱتَّخَذُواْ مِن دُونِهِۦٓ ءَالِهَةٗ لَّا يَخۡلُقُونَ شَيۡـٔٗا وَهُمۡ يُخۡلَقُونَ وَلَا يَمۡلِكُونَ لِأَنفُسِهِمۡ ضَرّٗا وَلَا نَفۡعٗا وَلَا يَمۡلِكُونَ مَوۡتٗا وَلَا حَيَوٰةٗ وَلَا نُشُورٗا

Ababangikanyamana bigiriye mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana basenga, bidashoboye kurema n’ikintu na kimwe, kanatsinda bo hamwe n’ivyo basenga vyaremwe n’Imana Allah, nta n’ico vyiyicira eka nta n’ico vyimariye, nkeswe kugira ico bibamariye; eka ntibinashoboye no kwaka ubuzima canke kubutanga, eka ntibinashoboye no kuzura n’uwapfuye.

وَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّآ إِفۡكٌ ٱفۡتَرَىٰهُ وَأَعَانَهُۥ عَلَيۡهِ قَوۡمٌ ءَاخَرُونَۖ فَقَدۡ جَآءُو ظُلۡمٗا وَزُورٗا

Abagararije Imana Allah, bavuze ko iyi Qor’ani atari ikindi, kiretse ko ari irementanya ryagizwe na Muhamadi arifashijwemwo n’abandi bantu. Ni ukuri, bazanye ijambo ry’akadenderezo n’ikinyoma cambaye ubusa, kuko Qor’ani nta kiremwa gishobora kuyirementanya;

وَقَالُوٓاْ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ ٱكۡتَتَبَهَا فَهِيَ تُمۡلَىٰ عَلَيۡهِ بُكۡرَةٗ وَأَصِيلٗا

Baranavuze kandi ko Qor’ani ari imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere, Muhamadi yababuyeko, maze bakagenda barabimucira igitondo n’umugoroba!