25 : 60
وَإِذَا قِيلَ لَهُمُ ٱسۡجُدُواْۤ لِلرَّحۡمَٰنِ قَالُواْ وَمَا ٱلرَّحۡمَٰنُ أَنَسۡجُدُ لِمَا تَأۡمُرُنَا وَزَادَهُمۡ نُفُورٗا۩
Iyo abagarariji babwiwe bati: “Nimwubamire Nyenimpuhwe Allah maze mumusenge”, baca binamura bakavuga bati: “Iyo Mana Allah Nyenimpuhwe nta Yo tuzi namba, dupfe kuyubamira gusa kuko ubidutegetse!”; iryo rarikirwa ryo kwubamira Nyenimpuhwe Allah, ryabongerereje ubugaba bwo kutikebuka ngo bemere.
Explanation & meanings · 1
- Iyo usomye iyi Aayah gushika ku mpera, usabwa guca wubama.