25 : 8
أَوۡ يُلۡقَىٰٓ إِلَيۡهِ كَنزٌ أَوۡ تَكُونُ لَهُۥ جَنَّةٞ يَأۡكُلُ مِنۡهَاۚ وَقَالَ ٱلظَّٰلِمُونَ إِن تَتَّبِعُونَ إِلَّا رَجُلٗا مَّسۡحُورًا
Canke Ikamumanurira amatungo menshi yotuma tumwemera, canke Ikamuha umurima uteye igomwe, agafungura ivyamwa vyawo ha kuja gusumira kw’isoko!”. Abirenganije mu kugarariza, baranavuze kandi babwira abameramana bati: “Ntimukurikira kiretse umuntu yarozwe bigatuma akehanirwa mu bwenge!”.