Skip to content
Surah List /

الشعراء

الشعراء is chapter 26 of the Quran and has 227 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

227 Ayahs Surah No. 26
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

طسٓمٓ

Twaa Siin Miim.

Explanation & meanings · 1
  1. Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.

تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡمُبِينِ

Izi, ni Aayah z’Igitabu Qor’ani gitomoye neza; mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira, no mu burongozi bwaco.

لَعَلَّكَ بَٰخِعٞ نَّفۡسَكَ أَلَّا يَكُونُواْ مُؤۡمِنِينَ

Ntumwa y’Imana! Biragaragara ko utuntuzwa umutima n’uko abantu bataraba abemeramana ngo bagukurikire, mpore ntugatunture ku mutima!

إِن نَّشَأۡ نُنَزِّلۡ عَلَيۡهِم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ ءَايَةٗ فَظَلَّتۡ أَعۡنَٰقُهُمۡ لَهَا خَٰضِعِينَ

Twebwe Allah, Dushatse Twomanurira abaguhakana bivuye inyuma mu bantu warungitsweko, igitangaro kivuye mw’ijuru cotuma bemera ku nabi ku neza, maze bakama bicishije bugufi, ariko rero ntitwashatse ko biba ukwo, kuko ukwemera Imana Allah nya kwemera kuba ku bushake ata gahato kagiyemwo.

وَمَا يَأۡتِيهِم مِّن ذِكۡرٖ مِّنَ ٱلرَّحۡمَٰنِ مُحۡدَثٍ إِلَّا كَانُواْ عَنۡهُ مُعۡرِضِينَ

Ababangikanyamana, ntibigera bashikirwa n’inkebuzo nshasha ivuye kwa Nyenimpuhwe Allah, ibabwiriza ivyo bakora n’ivyo bareka mu kwubahiriza idini ry’ukuri, kiretse ko birengagiza nya nkebuzo, bakayihakana bivuye inyuma, bakanayamirira kure.