Ubwislamu, ni uko wemera ku mutima ukatura n'ururimi, wemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, ukemera kandi ku mutima ukatura n'ururimi, wemanga ko Muhamadi ari Intumwa yayo; ugatsimbataza isengesho; ugatanga ishikanwa-bwirizwa; ugapfunga ukwezi kwa Ramadhani; ukanashengerera ingoro ntagatifu iri i Makka mu gihe ushoboye gushikayo
Mu vyakiriwe na Omari mwene Al-Khattwaabi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:
"Umusi umwe twari ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), maze haseruka umugabo yambaye impuzu zera de, afise umushatsi wirabura tsiritsiri, nta na kimwe cerekana ko avuye ku rugendo, eka nta n'umwe muri twebwe yamumenye, araheza yicara imbere y'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aca akomanya amavi yiwe ku mavi y'Intumwa (yegereza amavi yiwe ku mavi y'Intumwa), maze arambika ibiganza vyiwe ku bibero vyayo, aca avuga ati: "Ewe Muhamadi! Enda nyabuna nyiganira ku vyerekeye ubwislamu ico ari co". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) iraheza yishura iti: "Ubwislamu, ni uko wemera ku mutima ukatura n'ururimi, wemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, ukemera kandi ku mutima ukatura n'ururimi, wemanga ko Muhamadi ari Intumwa yayo; ugatsimbataza isengesho; ugatanga ishikanwa-bwirizwa; ugapfunga ukwezi kwa Ramadhani; ukanashengerera ingoro ntagatifu iri i Makka mu gihe ushoboye gushikayo". Wa mugabo aca avuga ashimangira inyishu ati: "Uvuze ukuri nk'ukurima". Omari yavuze ati: "Abari ng'aho, vyaradutangaje kwumva umuntu abaza hanyuma agaca yemera inyishu ahawe ata guhigimanga!". Wa mugabo arongera avuga ati: "Enda nyabuna nyiganira ivyerekeye ukwemera ico ari co". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica irishura iti: "Ni uko wemera Imana Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo, Intumwa zayo, umusi w'iherezo, hamwe rero n'ukwemera ivyagezwe ku biremwa: ivyiza muri vyo n'ibibi". Wa mugabo aca avuga ashimangira inyishu ati: "Uvuze ukuri nk'ukurima". Wa mugabo araheza avuga ati: "Enda nyabuna nyiganira rero no ku vyerekeye ubugwaneza ico ari co". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica irishura iti: "Ni uko wiyegereza Imana Allah mu vyo ukora vyose ukanayisenga nk'aho woba uyibona; mu gihe wokwibwira ko utayibona, ariko ubwirizwa kumenya ko Yoyo Ikubona". Wa mugabo arasubira avuga ati: "Enda nyabuna nyiganira ku vyerekeye umuhero w'isi, umbwire ni ryari uzoshika?". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica yishura iti: "Burya uwubajijwe ico kibazo, si we azi inyishu yaco gusumba uwakibajije!". Wa mugabo asubizayo ati: "Enda rero nyiganira nyabuna ku vyerekeye ibimenyetso vy'umuhero w'isi". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) iraheza yishura iti: "Ni uko uzobona umuguranokazi avyara inabuja, ukabona n'abantu bagenda n'ibirenge bisa ata birato, bambaye ubusa, barangwa n'ubukene ubaravye uko basa, abungere b'intungwa barusharushanwa mu kuduza inyubakwa". Omari yavuze ati: "Hanyuma wa mugabo yaciye agenda, nca mara akanya gato, Intumwa ica imbwira imbaza iti: "Ewe Omari! Woba wamenye uwariko arabaza, uwo ari we!?". Nanje nca ndishura nti: "Ihibambewe! Imana Allah n'Intumwa yayo, ni bo Bazi kurusha". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica imbwira iti: "Urya yari umumalayika Jibrili yaje kugira abigishe idini ryanyu"".
بَيْنَمَا نَحْنُ عِنْدَ رَسُولِ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ ذَاتَ يَوْمٍ إِذْ طَلَعَ عَلَيْنَا رَجُلٌ شَدِيدُ بَيَاضِ الثِّيَابِ، شَدِيدُ سَوَادِ الشَّعَرِ، لَا يُرَى عَلَيْهِ أَثَرُ السَّفَرِ، وَلَا يَعْرِفُهُ مِنَّا أَحَدٌ، حَتَّى جَلَسَ إِلَى النَّبِيِّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ، فَأَسْنَدَ رُكْبَتَيْهِ إِلَى رُكْبَتَيْهِ، وَوَضَعَ كَفَّيْهِ عَلَى فَخِذَيْهِ، وَقَالَ: يَا مُحَمَّدُ، أَخْبِرْنِي عَنِ الْإِسْلَامِ، فَقَالَ رَسُولُ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ: «الْإِسْلَامُ أَنْ تَشْهَدَ أَنْ لَا إِلَهَ إِلَّا اللهُ، وَأَنَّ مُحَمَّدًا رَسُولُ اللهِ، وَتُقِيمَ الصَّلَاةَ، وَتُؤْتِيَ الزَّكَاةَ، وَتَصُومَ رَمَضَانَ، وَتَحُجَّ الْبَيْتَ إِنِ اسْتَطَعْتَ إِلَيْهِ سَبِيلًا» قَالَ: صَدَقْتَ، قَالَ: فَعَجِبْنَا لَهُ، يَسْأَلُهُ وَيُصَدِّقُهُ، قَالَ: فَأَخْبِرْنِي عَنِ الْإِيمَانِ، قَالَ: «أَنْ تُؤْمِنَ بِاللهِ، وَمَلَائِكَتِهِ، وَكُتُبِهِ، وَرُسُلِهِ، وَالْيَوْمِ الْآخِرِ، وَتُؤْمِنَ بِالْقَدَرِ خَيْرِهِ وَشَرِّهِ» قَالَ: صَدَقْتَ، قَالَ: فَأَخْبِرْنِي عَنِ الْإِحْسَانِ، قَالَ: «أَنْ تَعْبُدَ اللهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِنْ لَمْ تَكُنْ تَرَاهُ فَإِنَّهُ يَرَاكَ» قَالَ: فَأَخْبِرْنِي عَنِ السَّاعَةِ، قَالَ: «مَا الْمَسْؤُولُ عَنْهَا بِأَعْلَمَ مِنَ السَّائِلِ» قَالَ: فَأَخْبِرْنِي عَنْ أَمَارَتِهَا، قَالَ: «أَنْ تَلِدَ الْأَمَةُ رَبَّتَهَا، وَأَنْ تَرَى الْحُفَاةَ الْعُرَاةَ الْعَالَةَ رِعَاءَ الشَّاءِ يَتَطَاوَلُونَ فِي الْبُنْيَانِ» قَالَ: ثُمَّ انْطَلَقَ، فَلَبِثْتُ مَلِيًّا ثُمَّ قَالَ لِي: «يَا عُمَرُ، أَتَدْرِي مَنِ السَّائِلُ؟» قُلْتُ: اللهُ وَرَسُولُهُ أَعْلَمُ، قَالَ: «فَإِنَّهُ جِبْرِيلُ، أَتَاكُمْ يُعَلِّمُكُمْ دِينَكُمْ».
Omari mwene Al-Khattwaabi (Imana Allah Imwishimire) aratwiganira ko igihe kimwe umumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y'Imana Allah) yaje ahari hicaye ingendanyi (Imana Allah Izishimire), ari mw'ishusho ry'umugabo atashotse amenyekana, mu vyamuranga ni uko yari yambaye impuzu zera de, afise n'umushatsi wirabura tsiritsiri, eka nta n'icerekana ko yari avuye ku rugendo; nko kuboneka ko arushe, yuzuye intumo, afise umushatsi udasokoje, yambaye impuzu zicafuye, eka mbere nta n'umwe mu bari ng'aho, yashoboye kumumenya, izo ngendanyi zikaba zari zicaye ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), maze wa muntu yicara imbere y'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) nka kurya umwigishwa yicara mu rupfasoni imbere y'umwigisha, aca aramubaza ku bijanye n'ubwislamu, na we aca aramwishura ko ubwislamu bwubakiye kuri izi nkingi: ukwemera wemanga ibintu bibiri (shahaadataani), ugutsimbataza amasengesho atanu, ugutanga ishikanwa-bwirizwa ukarihereza abo ryagenewe, ugupfunga ukwezi kwa Ramadhani, hamwe rero n'ukugira ishengerera ry'ingoro ntagatifu ritegetswe ku wubishoboye. Uwabajije yaciye avuga ashimangira inyishu yahawe ati: Uvuze ukuri kuzima, maze ingendanyi zica ziratangazwa n'ukuba yabajije ico atazi uravye ukuntu yabajije, hanyuma agaca ashimangira inyishu nk'uwari ayizi. Mu nyuma, ni ho wa muntu yabaza ku vyerekeye ukwemera, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca aramwishura ko ukwemera kugizwe n'izi nkingi zitandatu: Ukwemera ko hariho Imana Imwe Rudende Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Ifise amazina n'amatazirano ayiranga, n'ukwemera ko Ifise ibikorwa biyiranga; nko kurema, hamwe n'ukwemera ko Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende; n'uko abamalayika baremwe mu muco, ari abaja bayo batewe iteka, n'uko batagabitanya ku Mana Allah, bashira mu ngiro ivyo Ibategetse; n'ukwemera Ibitabu vyayo Yamanuriye Intumwa; nka Qor'ani, Tawurati n'Injili, n'ibindi; n'ukwemera Intumwa zishikiriza idini zarungikanwe n'Imana Allah, muri zo twovuga Nuhu, Ibrahimu, Musa hamwe na Isa, zasozerewe na Muhamadi (za nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), n'izitari izo mu Bavugishwamana n'Intumwa; n'ukwemera umusi w'iherezo, harimwo n'ukwemera ibishikira umuntu ari mu mva inyuma y'ugupfa, n'uko mu mva hariyo ubuzima bw'imbere y'izuka ry'ibiremwa "hayaatu al-barzakh", n'uko umuntu azozuka mu nyuma yo gupfa agaharurirwa ku vyo yakoze, maze iherezo ryiwe rikaba mu Bwami bw'ijuru canke mu muriro; n'ukwemera ko Imana Allah Yageze ibintu vyose hakurikijwe ubumenyi bwayo Isanganwe imbere y'ukubirema, hisunzwe intumbero nziza ibifiseko, Ikaba Yaranavyanditse mw'ido n'ido ukungene bizogenda birashika, hakurikijwe uko Yonyene Ibishatse, n'ishirwa mu ngiro ryavyo rikazokwisunga ivyagezwe imbere yuko biremwa. Hanyuma wa muntu yaciye abaza ku bijanye n'ubugwaneza, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca amwishura ko ubugwaneza, ari ukwiyegereza Imana Allah mu vyo umuntu akora vyose nka kurya yoba ayibona imbona nkubone; mu gihe yoba ataragera kuri urwo rwego naho, akiyegereza Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere mu vyo akora vyose azi neza ko Imana Allah Yo Imubona. Uru rwego rwa mbere rero, ni urwego rwo gukora ivyo ukora nka kurya woba ubona Imana Allah imbere yawe "al-mushaahada", rukaba ari na rwo rwego ruhanitse cane; nayo urwego rwa kabiri, rukaba ari urwego rwo gukora ivyo ukora uzi neza ko ushinzwe ijisho n'Imana Allah "al-muraaqaba". Hanyuma wa muntu yarabajije ku vyerekeye umuhero w'isi igihe uzoshikira, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) araheza amwishura ko ubumenyi bw'isango umuhero w'isi uzoshikirako, Imana Allah Yabugize ibanga ryayo, ku buryo ata kiremwa na kimwe kibuzi; yaba uwabajijwe ico kibazo nta nyishu agifitiye, eka n'uwakibajije nyene nta nyishu yaco afise. Mu nyuma rero wa muntu yaciye abaza ku vyerekeye ibimenyetso vyerekana ko umuhero wisi ugiye gushika, maze Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca aratomora ko muri ivyo bimenyetso, ari uko hazogwirirana incoreke hakagwira n'abana babo bavyara, canke ko ukutubaha n'ukutubahiriza kw'abana agateka k'abavyeyi babo, bizokwiganza ku buryo bafata abavyeyi babo nk'abakenyezi b'abagurano; n'uko abungere b'intungwa n'abakene mu bihe vy'iherezo, bazotunga bagatunganirwa mu bihendamaso vy'isi, gushika n'aho bahiganwa mu kwiratira iduzwa ry'amazu no kuyashariza. Mu nyuma, ni ho Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yiganira abari ng'aho ko uwariko arabaza ari umumalayika Jibrili, n'uko yaje kugira yigishe ingendanyi zari ng'aho idini ry'ubwislamu.
...:
Ubwiza bw'imico n'imigenzo vy'Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), n'uko yicarana n'ingendanyi ziwe, na zo zikicarana na yo.
Birarekuwe kugirira impuhwe n'ikigongwe uwubaza n'ukumwiyegereza hafi; kugira ashishikare kubaza ikimubakiye mu mwidegemvyo ata gutinya.
Urupfasoni rusabwa ku mwigishwa imbere y'umwigisha; nka kurya Jibrili (nyakugira amahoro y'Imana Allah) yabigenjeje, aho dusanga yaricaye imbere y'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) inyicaro y'uwurangwa n'urupfasoni rusabwa mu kurondera ubumenyi.
Inkingi z'ubwislamu zitanu, n'inkingi z'ukwemera zitandatu.
Iyo havuzwe ubwislamu n'ukwemera mu ryungane rimwe, muri ico gihe ubwislamu buhabwa insiguro y'ibikorwa bigaragara vy'ibihimba, ukwemera na kwo kugahabwa insiguro y'ibikorwa vy'umushaha bihishije mu mutima.
Kugaragaza ko idini rihurikiyemwo inzego zigenda zisumbasumbana ingero; urwego rwa mbere rukaba ari ukwicisha bugufi "al-islaamu", urwa kabiri rukaba ari ukwemera "al-iimaanu", urwa gatatu rukaba ari ubugwaneza "al-ihsaan", uru ruhereza rukaba ari rwo ruhanitse cane.
Igisanzwe ku muntu abaza, ni uko abaza ico adafitiye ubumenyi; ukutagira ubumemyi ku kintu rero, ni yo mvo ituma umuntu abaza, ni na co gituma ingendanyi zatangajwe n'ukuba Jibrili yarabajije agaca ashimangira inyishu mu kuyemeza.
Gutangurira ku gihambaye cane kurusha mu kwigisha hagakurikira igihambaye; kuko Jibrili mu kubaza yahereye ku kwemera ibintu nyamukuru bibiri mu kwerekana insiguro y'ubwislamu, araheza akurikiza ikibazo ku vyerekeye ukwemera Imana Allah mu kwerekana insiguro y'ukwemera.
Kubaza abahawe ubumenyi ico umuntu ashobora kuba afitiye inyishu mu ntumbero yo gushaka kwigisha abandi.
Ubumenyi bw'isango umuhero w'isi uzoshikirako, kiri mu bumenyi Imana Allah Yiharije Yonyene.
Igitabu "Swahiihu Muslim" (1/ 36) (8).
Ivyiyongeyeko (9)
التحفة الربانية في شرح الأربعين حديثا النووية (ص7).
شرح الأربعين النووية.
لابن عثيمين (ص19).
فتح القوي المتين في شرح الأربعين وتتمة الخمسين.
للعباد (ص15).
الأحاديث الأربعون النووية وعليها الشرح الموجز المفيد.
لعبد الله المحسن (ص7).
تاج العروس من جواهر القاموس.
للزبيدي (2/ 460).
Cited in books
48 BooksIvyiyongeyeko (48)
- الإسلام أصوله ومبادئه(الإسلام أن تشهد أن لا إله إلا الله، وأن محمداً رسول الله، وتقيم الصلاة وتؤتي الزكاة، وتصوم رمضان، وتحج البيت إن استطعت إليه سبيلاً) [197]،
- الإسلام دين كامل«هُوَ أَنْ تَعْبُدَ اللَّهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِنْ لَمْ تَكُنْ تَرَاهُ فَإِنَّهُ يَرَاكَ» [1].
- الخطب المنبريةموسوعة الخطب المنبرية (القسم الأول)«الْإِحْسَانَ: أَنْ تَعْبُدَ اللَّهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِنْ لَمْ تَكُنْ تَرَاهُ فَإِنَّهُ يَرَاكَ»
- الخطب المنبرية موسوعة الخطب المنبرية (القسم الثاني)«أَنْ تَعْبُدَ اللَّهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِنْ لَمْ تَكُنْ تَرَاهُ فَإِنَّهُ يَرَاكَ»"
- الخطب المنبريةموسوعة الخطب المنبرية (القسم الثالث)«الْإِحْسَانُ أَنْ تَعْبُدَ اللَّهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِنْ لَمْ تَكُنْ تَرَاهُ فَإِنَّهُ يَرَاكَ»
- العقيدة الصحيحةدروس العقيدة الصحيحة«فَأَخْبِرْنِي عَنِ الْإِيمَانِ، قَالَ: أَنْ تُؤْمِنَ بِاللهِ، وَمَلَائِكَتِهِ، وَكُتُبِهِ، وَرُسُلِهِ، وَاليَوْمِ الْآخِرِ، وَتُؤْمِنَ بِالْقَدَرِ خَيْرِهِ وَشَرِّهِ»
- العلم الواجب بدون فقه وبدون زيادات1(أَن تُؤْمِنَ بِاللهِ، وَمَلَائِكَتِهِ، وَكُتُبِهِ، وَرُسُلِهِ، وَالْيَوْمِ الآخِرِ، وَتُؤْمِنَ بِالْقَدَرِ خَيْرِهِ وَشَرِّهِ).
- العلم الواجب بدون فقه وبدون زيادات1(أَن تَعْبُدَ اللهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِن لَّمْ تَكُن تَرَاهُ فَإِنَّهُ يَرَاكَ).
- الله -جل جلاله- أنيس المحبين وملاذ القاصدين«أَنْ تَعْبُدَ اللهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِنَّ لَمْ تَكُنْ تَرَاهُ فَإِنَّهُ يَرَاكَ»
- الله -جل جلاله- أنيس المحبين وملاذ القاصدين«أَنْ تُؤْمِنَ بِاللهِ، وَمَلَائِكَتِهِ، وَكُتُبِهِ، وَرُسُلِهِ، وَاليَوْمِ الآخِرِ، وَتُؤْمِنَ بِالقَدَرِ خَيْرِهِ وَشَرِّهِ»
- الله -جل جلاله- أنيس المحبين وملاذ القاصدين«أَنْ تَعْبُدَ اللهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِنْ لَمْ تَكُنْ تَرَاهُ فَإِنَّهُ يَرَاكَ»
- الله -جل جلاله- أنيس المحبين وملاذ القاصدين«أَنْ تَعْبُدَ اللهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِنَّ لَمْ تَكُنْ تَرَاهُ فَإِنَّهُ يَرَاكَ»
- الله -جل جلاله- أنيس المحبين وملاذ القاصدين«أَنْ تَعْبُدَ اللهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِنَّ لَمْ تَكُنْ تَرَاهُ فَإِنَّهُ يَرَاكَ»
- المناهج التعليمية - الصف السادسالمناهج الدراسية - الفقه - الصف السادس «الإِسْلَامُ أَنْ تَشْهَدَ أَنْ لَا إِلَهَ إِلَّا اللهُ، وَأَنَّ مُحَمَّدًا رَسُولُ اللهِ، وَتُقِيمَ الصَّلَاةَ، وَتُؤْتِيَ الزَّكَاةَ، وَتَصُومَ رَمَضَانَ، وَتَحُجَّ الْبَيْتَ إِنِ اسْتَطَعْتَ إِلَيْهِ سَبِيلًا»[9].
- المناهج التعليمية - الصف السادسالمناهج الدراسية - الفقه - الصف السادس «الإِسْلَامُ أَنْ تَشْهَدَ أَنْ لَا إِلَهَ إِلَّا اللهُ، وَأَنَّ مُحَمَّدًا رَسُولُ اللهِ، وَتُقِيمَ الصَّلَاةَ، وَتُؤْتِيَ الزَّكَاةَ، وَتَصُومَ رَمَضَانَ، وَتَحُجَّ الْبَيْتَ إِنِ اسْتَطَعْتَ إِلَيْهِ سَبِيلًا»[24].
- ثلاثة الأصول وأدلتهاقَالَ: أَنْ تَعْبُدَ اللَّهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِنْ لَمْ تَكُنْ تَرَاهُ فَإِنَّهُ يَرَاكَ.
- ثلاثة الأصول وأدلتهاقَالَ: مَا المَسْؤُولُ عَنْهَا بِأَعْلَمَ مِنَ السَّائِلِ.
- حراسة التوحيدالعقيدة الصحيحة وما يضادها «الإِيمَانُ أَنْ تُؤْمِنَ بِاللَّهِ، وَمَلَائِكَتِهِ، وَكُتُبِهِ، وَرُسُلِهِ، وَاليَوْمِ الآخِرِ، وَتُؤْمِنَ بِالقَدَرِ خَيْرِهِ وَشَرِّهِ»[1].
- خذ عقيدتك من الكتاب والسنة الصحيحة"الإسلام أن تشهد أن لا إله إِلا الله وأن محمدًا رسول الله، وتُقيم الصلاة، وتؤتي الزَّكاة، وتصوم رمضان، وتَحجَّ البيت إن استطعت إليه سبيلًا".
- خذ عقيدتك من الكتاب والسنة الصحيحة"الإيمان: أن تؤمن باللهِ، وملائكتِه وكتبه، ورسلِه، واليوم الآخر، وتؤمن بالقدَر خيره وشره"
- خذ عقيدتك من الكتاب والسنة الصحيحة«الإحسان أن تعبدَ الله كأنك تراه، فإن لم تكن تراهُ فإنه يَرَاك»
- خطبة عرفة(الإِسْلاَمُ أَنْ تَشْهَدَ أَنْ لا إِلَهَ إِلَّا اللهُ وَأَنَّ مُحَمَّدًا رَسُولُ اللهِ، وَتُقِيمَ الصَّلَاةَ، وَتُؤْتِيَ الزَّكَاةَ، وَتَصُومَ رَمَضَانَ، وَتَحُجَّ الْبَيْتَ إِنِ اسْتَطَعْتَ إِلَيْهِ سَبِيلًا).
- رياض الصالحينرياض الصالحين مع فوائد وهدايات - 1 «بَيْنَمَا نَحْنُ جُلُوسٌ عِنْدَ رسولِ الله صلى الله عليه وسلم ، ذَاتَ يَوْمٍ إذْ طَلَعَ عَلَيْنَا رَجُلٌ شَديدُ بَياضِ الثِّيَابِ، شديدُ سَوَادِ الشَّعْرِ، لا يُرَىٰ عَلَيْهِ أَثرُ السَّفَرِ، وَلا يَعْرِفُهُ منَّا أحَدٌ، حَتَّىٰ جَلَسَ إلَ
- سؤال وجواب حول الإسلام«الإِحْسَانُ أَنْ تَعْبُدَ اللَّهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِنْ لَمْ تَكُنْ تَرَاهُ فَإِنَّهُ يَرَاكَ»
- شرح الأصول الثلاثة«أَنْ تَعْبُدَ اللَّهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ» [21]
- شرح الأصول الثلاثةقَالَ: فَأَخْبِرْنِي عَنِ الإِيمَانِ؟ قَالَ: «أَنْ تُؤْمِنَ بِاللَّهِ، وَمَلَائِكَتِهِ، وَكُتُبِهِ، وَرُسُلِهِ، وَالْيَوْمِ الآخِرِ، وَتُؤْمِنَ بِالْقَدَرِ خَيْرِهِ وَشَرِّهِ» قَالَ: صَدَقْتَ.
- عقيدة الأئمة الأربعة«أَنْ تُؤْمِنَ بِاللَّهِ، وَمَلَائِكَتِهِ، وَكُتُبِهِ، وَرُسُلِهِ، وَالْيَوْمِ الآخِرِ، وَتُؤْمِنَ بِالْقَدَرِ خَيْرِهِ وَشَرِّهِ»
- فضل الإسلام{ الإسلام أن تشهد أن لا إله إلا الله، وأن محمدا رسول الله، وتقيم الصلاة، وتؤتي الزكاة، وتصوم رمضان، وتحج البيت إن استطعت إليه سبيلا } [8].
- قاموس الكبائر موسوعة الكبائر - المجموعة الأولى«أَنْ تَعْبُدَ اللهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِنْ لَمْ تَكُنْ تَرَاهُ، فَإِنَّهُ يَرَاكَ» [50].
- قاموس الكبائر«أَنْ تَعْبُدَ اللهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِنْ لَمْ تَكُنْ تَرَاهُ، فَإِنَّهُ يَرَاكَ» [50].
- كيف أكون مسلمًا؟1(الإِسْلاَمُ أَنْ تَشْهَدَ أَنْ لاَ إِلَهَ إِلاَّ اللَّهُ وَأَنَّ مُحَمَّدًا رَسُولُ اللهِ، وَتُقِيمَ الصَّلاَةَ، وَتُؤْتِيَ الزَّكَاةَ، وَتَصُومَ رَمَضَانَ، وَتَحُجَّ الْبَيْتَ إِنِ اسْتَطَعْتَ إِلَيْهِ سَبِيلًا)
- ما لا يسع أطفال المسلمين جهله«فَأَخْبِرْنِي عَنِ الإِيمَانِ، قَالَ: أَنْ تُؤْمِنَ بِاللهِ، وَمَلَائِكَتِهِ، وَكُتُبِهِ، وَرُسُلِهِ، وَاليَوْمِ الآخِرِ، وَتُؤْمِنَ بِالقَدَرِ خَيْرِهِ وَشَرِّهِ»[3].
- مادة العقيدة الإسلامية(أن تؤمن بالله، وملائكته، وكتبه، ورسله، واليوم الآخر، وتؤمن بالقدر خيره وشره).[65]
- مادة العقيدة الإسلامية(قَالَ فأخبرني عَنِ السَّاعَةِ. قَالَ مَا الْمَسْئُولُ عَنْهَا بِأَعْلَمَ مِنَ السَّائِلِ. قَالَ فأخبرني عَنْ أَمَارَتِهَا. قَالَ أَنْ تَلِدَ الأَمَةُ رَبَّتَهَا، وَأَنْ تَرَى الْحُفَاةَ الْعُرَاةَ الْعَالَةَ رِعَاءَ الشَّاءِ يَتَطَاوَلُونَ
- مجموعة زاد التفسير (2)التفسير 2«ما المسْؤُولُ عَنْها بأعْلَمَ من السَّائلِ».
- مجموعة زاد الحديث (1)الحديث 1قَالَ: بَيْنَمَا نَحْنُ عِنْدَ رَسُولِ الله صلى الله عليه وسلم ذَاتَ يَوْمٍ، إِذْ طَلَعَ عَلَيْنَا رَجُلٌ شَدِيدُ بَيَاضِ الثِّيَابِ، شَدِيدُ سَوَادِ الشَّعَرِ، لَا يُرَى عَلَيْهِ أَثَرُ السَّفَرِ، وَلَا يَعْرِفُهُ مِنَّا أَحَدٌ، حَتَّى جَل
- مشروع المنهج التعليميمادة التوحيد مستوى 2«الْإِسْلَامُ أَنْ تَشْهَدَ أَنْ لَا إِلَهَ إِلَّا اللهُ وَأَنَّ مُحَمَّدًا رَسُولُ اللهِ ﷺ وَتُقِيمَ الصَّلَاةَ، وَتُؤْتِيَ الزَّكَاةَ، وَتَصُومَ رَمَضَانَ، وَتَحُجَّ الْبَيْتَ إِنِ اسْتَطَعْتَ إِلَيْهِ سَبِيلًا»، قَالَ: صَدَقْتَ، قَالَ: ف
- مشروع منهاج زادكزادك 1 طالببَيْنَمَا نَحْنُ عِنْدَ رَسُولِ اللهِ صلى الله عليه وسلم ذَاتَ يَوْمٍ، إِذْ طَلَعَ عَلَيْنَا رَجُلٌ شَدِيدُ بَيَاضِ الثِّيَابِ، شَدِيدُ سَوَادِ الشَّعَرِ، لَا يُرَى عَلَيْهِ أَثَرُ السَّفَرِ، وَلَا يَعْرِفُهُ مِنَّا أَحَدٌ، حَتَّى جَلَسَ إِ
- موسوعة الإيمانفعن عمر بن الخطاب رضي الله عنه قال: بَيْنَمَا نَحْنُ عِنْدَ رَسُولِ اللهِ صلى الله عليه وسلم ذَاتَ يَوْمٍ، إِذْ طَلَعَ عَلَيْنَا رَجُلٌ شَدِيدُ بَيَاضِ الثِّيَابِ، شَدِيدُ سَوَادِ الشَّعَرِ، لَا يُرَى عَلَيْهِ أَثَرُ السَّفَرِ، وَلَا يَعْرِ
- موسوعة الإيمان«أَنْ تُؤْمِنَ بِاللهِ، وَمَلَائِكَتِهِ، وَكُتُبِهِ، وَرُسُلِهِ، وَالْيَوْمِ الْآخِرِ، وَتُؤْمِنَ بِالْقَدَرِ خَيْرِهِ وَشَرِّهِ». قَالَ: صَدَقْتَ.
- نبذة في العقيدة الإسلامية (شرح أصول الإيمان)نبذة في العقيدة الإسلامية«الْإِيمَانُ: أَنْ تُؤْمِنَ بِاللَّهِ، وَمَلَائِكَتِهِ، وَكُتُبِهِ، وَرُسُلِهِ، وَالْيَوْمِ الْآخِرِ، وَتُؤْمِنَ بِالْقَدَرِ: خَيْرِهِ وَشَرِّهِ»[3].
- نبراس طالب (1)1«أَنْ تُؤْمِنَ بِاللهِ، وَمَلَائِكَتِهِ، وَكُتُبِهِ، وَرُسُلِهِ، وَالْيَوْمِ الْآخِرِ، وَتُؤْمِنَ بِالْقَدَرِ خَيْرِهِ وَشَرِّهِ»، قَالَ: صَدَقْتَ.
- نبراس طالب (1)1«الْإِسْلَامُ أَنْ تَشْهَدَ أَنْ لَا إِلَهَ إِلَّا اللهُ وأَنَّ مُحَمَّدًا رَسُولُ اللهِ، وَتُقِيمَ الصَّلَاةَ، وَتُؤْتِيَ الزَّكَاةَ، وَتَصُومَ رَمَضَانَ، وَتَحُجَّ الْبَيْتَ إِنِ اسْتَطَعْتَ إِلَيْهِ سَبِيلًا».
- نبراس طالب (1)1«أَنْ تُؤْمِنَ بِاللهِ، وَمَلَائِكَتِهِ، وَكُتُبِهِ، وَرُسُلِهِ، وَالْيَوْمِ الْآخِرِ، وَتُؤْمِنَ بِالْقَدَرِ خَيْرِهِ وَشَرِّهِ».
- نبراس طالب (1)1«أَنْ تَعْبُدَ اللهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِنْ لَمْ تَكُنْ تَرَاهُ فَإِنَّهُ يَرَاكَ».
- نبراس طالب (1)1«أَنْ تَعْبُدَ اللهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِنْ لَمْ تَكُنْ تَرَاهُ فَإِنَّهُ يَرَاكَ»
- نبراس طالب (2)نبراس طالب (2) «أَنْ تَعْبُدَ اللهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِنْ لَمْ تَكُنْ تَرَاهُ فَإِنَّهُ يَرَاكَ»
- نبراس طالب (3)نبراس طالب 3«أَنْ تَعْبُدَ اللهَ كَأَنَّكَ تَرَاهُ، فَإِنْ لَمْ تَكُنْ تَرَاهُ فَإِنَّهُ يَرَاكَ»