Skip to content
Surah List /

الأحقَاف

الأحقَاف is chapter 46 of the Quran and has 35 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

35 Ayahs Surah No. 46
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

حمٓ

Haa Miim.

Explanation & meanings · 1
  1. Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara.

تَنزِيلُ ٱلۡكِتَٰبِ مِنَ ٱللَّهِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡحَكِيمِ

Ihishurwa ry’iki Gitabu ca Qor’ani ryavuye ku Mana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.

مَا خَلَقۡنَا ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَآ إِلَّا بِٱلۡحَقِّ وَأَجَلٖ مُّسَمّٗىۚ وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ عَمَّآ أُنذِرُواْ مُعۡرِضُونَ

Twebwe Allah, ntitwaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, atari ukugira vy’ukuri abantu bamenye ubushobozi n'ububasha vy’Iyabiremye, baheze bayiyegereze muri vyose banayisenge ari Imana Imwe Rudende; bamenye n’uko Ishoboye kubazura inyuma yo gupfa; no kugira bagendere ukuri n’ubutungane hagati yabo; no kugira rero babeho ubuzima bwabo gushika isango nyezina ryo gupfa ry’umwe wese rishike, ace apfa. Nayo abahakanye ko Allah ari Yo Mana y’ukuri, barirengagiza ibihano Qor’ani ibagabishako, ntibikebuke;

قُلۡ أَرَءَيۡتُم مَّا تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ أَرُونِي مَاذَا خَلَقُواْ مِنَ ٱلۡأَرۡضِ أَمۡ لَهُمۡ شِرۡكٞ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِۖ ٱئۡتُونِي بِكِتَٰبٖ مِّن قَبۡلِ هَٰذَآ أَوۡ أَثَٰرَةٖ مِّنۡ عِلۡمٍ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ

Ntumwa y’Imana! Bwira abahakanye ko Allah ari Yo Mana y’ukuri uti: “Aho nyene muriko muraraba ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah, mwoshobora kunyereka n’ikintu na kimwe vyaremye kw’isi! Canke hari umugabane vyoba bifise bibangikanijeko n’Imana Allah mw’iremwa ry’amajuru! Enda nyabuna rero, nimunzanire Igitabu mubisomamwo cavuye ku Mana Allah imbere y’ihishurwa rya Qor’ani, canke mumpe ico ari co cose mufise mu bisigarira vy’ubumenyi nimwaba muri imvugakuri”.

وَمَنۡ أَضَلُّ مِمَّن يَدۡعُواْ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَن لَّا يَسۡتَجِيبُ لَهُۥٓ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ وَهُمۡ عَن دُعَآئِهِمۡ غَٰفِلُونَ

Nta wahuvye yoza angana n’uwusaba ibigirwamana mu gishingo c’Imana Allah, akabisaba bitanashoboye no kwishura igisabisho c’uwubisavye; n’aho yobirindira gushika ku musi w’umuhero w’isi, ntibizopfa bimwishuye kuko ata co vyimariye, nkeswe kugira ico bimariye uwubisaba, eka mbere ntibizi n’uko hari n’uwubisaba.