Skip to content
الأحقَاف /

Ayah 21

46 : 21

Ayah 21 of الأحقَاف (46 : 21). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الأحقَاف Ayahs 35
Surah · الأحقَاف
Ikirundi · Gehiti
46 : 21

۞ وَٱذۡكُرۡ أَخَا عَادٍ إِذۡ أَنذَرَ قَوۡمَهُۥ بِٱلۡأَحۡقَافِ وَقَدۡ خَلَتِ ٱلنُّذُرُ مِنۢ بَيۡنِ يَدَيۡهِ وَمِنۡ خَلۡفِهِۦٓ أَلَّا تَعۡبُدُوٓاْ إِلَّا ٱللَّهَ إِنِّيٓ أَخَافُ عَلَيۡكُمۡ عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٖ

Ntumwa y’Imana! Ibuka n’Umuvugishwamana Huudi mwenewabo na Bene Aadi, igihe yagabisha abantu biwe ku bihano vy’Imana Allah, bakaba baba ahitwa Al-Ahqaafu. Ni ukuri, n’imbere y’irungikwa ryiwe no mu nyuma y’aho, hararungitswe n’izindi Ntumwa zigabisha abantu ku bihano vy’Imana Allah, imwe yose muri zo yashikiriza ubutumwa nk’ubwo izindi zashikiriza, iti: “Ntimukiyegereze mu vyo mukora vyose ngo munasenge ikintu na kimwe atari Imana Allah, mu vy’ukuri ndatinya ko mwoshikirwa n’ibihano vyo ku musi w’intureka zihambaye, umusi w’izurwa ry’ibiremwa”.

Explanation & meanings · 1
  1. Al-Ahqaafu, ni akarere Bene Aadi babamwo, igihe barungikirwa Umuvugishwamana Aadi, ubu hakaba ari ubugaragwa bugizwe n’umusenyi mwinshi mu bumanuko bw’Ikigobe c’Abarabu.