Skip to content
Surah List /

الجاثِية

الجاثِية is chapter 45 of the Quran and has 37 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

37 Ayahs Surah No. 45
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

حمٓ

Haa Miim.

Explanation & meanings · 1
  1. Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara.

تَنزِيلُ ٱلۡكِتَٰبِ مِنَ ٱللَّهِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡحَكِيمِ

Ihishurwa ry’iki Gitabu ca Qor’ani ryavuye ku Mana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.

إِنَّ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ لَأٓيَٰتٖ لِّلۡمُؤۡمِنِينَ

Mu vy’ukuri mu majuru indwi, no mw’isi izosokorokamwo ibiremwa, ari na yo irimwo ibiremwa bitandukanye mu bwoko no mu ndemo, ni ukuri muri ivyo vyose harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, ku bavyemera;

وَفِي خَلۡقِكُمۡ وَمَا يَبُثُّ مِن دَآبَّةٍ ءَايَٰتٞ لِّقَوۡمٖ يُوقِنُونَ

No mw’iremwa ryanyu mwebwe abantu, n’iremwa ry’ibindi biremwa bigendagenda bikwiragiye mw’isi, harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, ku bantu bayemera bakemera n’amabwirizwa yayo ata gukekeranya;

وَٱخۡتِلَٰفِ ٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِ وَمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مِن رِّزۡقٖ فَأَحۡيَا بِهِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَا وَتَصۡرِيفِ ٱلرِّيَٰحِ ءَايَٰتٞ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ

No mw’ibisikanya n’ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango; mw’igwisha ry’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze Imana Allah Ikanagisha ibiterwa n’ivyimeza kw’isi hakoreshejwe amazi ya nya mvura, inyuma y’igaduka no gucika ubukumbagare kw’isi; mw’isunikwa ry’umuyaga uzanana impande zose z’isi ku neza yanyu, mw’iremwa ry’ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu bafise ubwenge banyurwa n'ivyemezo vy’Imana Allah, maze bakayigamburukira.