Skip to content
Al-Ahqaaf /

Ayah 35

46 : 35

Ayah 35 of Al-Ahqaaf (46 : 35). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

Al-Ahqaaf Ayahs 35
Surah · Al-Ahqaaf
Ikirundi · Gehiti
46 : 35

فَٱصۡبِرۡ كَمَا صَبَرَ أُوْلُواْ ٱلۡعَزۡمِ مِنَ ٱلرُّسُلِ وَلَا تَسۡتَعۡجِل لَّهُمۡۚ كَأَنَّهُمۡ يَوۡمَ يَرَوۡنَ مَا يُوعَدُونَ لَمۡ يَلۡبَثُوٓاْ إِلَّا سَاعَةٗ مِّن نَّهَارِۭۚ بَلَٰغٞۚ فَهَلۡ يُهۡلَكُ إِلَّا ٱلۡقَوۡمُ ٱلۡفَٰسِقُونَ

Ntumwa y’Imana! Ihanganire rero ibangamira ry’abaguhakana nk’uko Inararibonye mu Ntumwa zihanganye hambere yawe; kandi ntiwihutire gusaba ko abo warungitsweko bohanwa, burya igihe ibihano vyashitse bakabibona ukuri kwamye, ku kubera intureka zavyo, bazoba nk’aho batigeze baba kw’isi, kiretse isaha imwe yo ku murango. Iri rero, ni irarikwa kuri bo no ku bandi bose. Nta bazohonywa n’ibihano vy’Imana Allah, kiretse abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo.

Explanation & meanings · 1
  1. Izo Nararibonye zihambaye, zatewe n’iteka kurusha izindi “Ulu l’Azmi”, ni zitanu: Nuhu, Ibrahimu, Musa, Isa na Muhamadi (ba nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).