Skip to content
العَنكبُوت /

Ayah 45

29 : 45

Ayah 45 of العَنكبُوت (29 : 45). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

العَنكبُوت Ayahs 69
29 : 45

ٱتۡلُ مَآ أُوحِيَ إِلَيۡكَ مِنَ ٱلۡكِتَٰبِ وَأَقِمِ ٱلصَّلَوٰةَۖ إِنَّ ٱلصَّلَوٰةَ تَنۡهَىٰ عَنِ ٱلۡفَحۡشَآءِ وَٱلۡمُنكَرِۗ وَلَذِكۡرُ ٱللَّهِ أَكۡبَرُۗ وَٱللَّهُ يَعۡلَمُ مَا تَصۡنَعُونَ

Ntumwa y’Imana! Soma ivyo wahishuriwe muri Qor’ani uheze ubigendere; utsimbataze n’isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo; mu vy’ukuri, itsimbatazwa ry’isengesho rikwije ibisabwa, rikingira umuntu kugwa mu bicumuro n’ivyaha; ni ukuri, itazira n’ininahazamana mw’isengesho no mu bindi bihe, rirahambaye cane gusumba vyose. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo mukora; vyaba vyiza canke bibi, Izobibahembera.

Explanation & meanings · 1
  1. Kuko isengesho rikwije ibisabwa risengewe ku mwanya waryo, ryeza umutima, rikongerereza umuntu ukwemera no guhurumbira ivyiza.