Skip to content
Surah List /

العَنكبُوت

العَنكبُوت is chapter 29 of the Quran and has 69 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

69 Ayahs Surah No. 29
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

الٓمٓ

Alif Laam Miim.

Explanation & meanings · 1
  1. Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.

أَحَسِبَ ٱلنَّاسُ أَن يُتۡرَكُوٓاْ أَن يَقُولُوٓاْ ءَامَنَّا وَهُمۡ لَا يُفۡتَنُونَ

Mbega abantu bibaza ko mu gihe bavuze bati: “Twemeye”, borekwa gutyo gusa batabanje kugeragezwa mw’iyubahirizwa ry’amabwirizwa y’Imana Allah!

وَلَقَدۡ فَتَنَّا ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۖ فَلَيَعۡلَمَنَّ ٱللَّهُ ٱلَّذِينَ صَدَقُواْ وَلَيَعۡلَمَنَّ ٱلۡكَٰذِبِينَ

Ni ukuri Twebwe Allah, Twaragerageje mu buryo butandukanye abantu bo hambere yabo inyuma y’ukubarungikira Intumwa. Burya Imana Allah, ni ukuri Izogaragariza abantu ku vyo Isanzwe Izi, ukuri kw’abemeye vy’ukuri muri bo, n’ikinyoma c’abemeye gusa ku karimi bitavuye ku mutima, maze hamenyekane imvugakuri n’umunyakinyoma. Izoheza rero Ihembere umugwi wose muri yo ivyo wakoze.

أَمۡ حَسِبَ ٱلَّذِينَ يَعۡمَلُونَ ٱلسَّيِّـَٔاتِ أَن يَسۡبِقُونَاۚ سَآءَ مَا يَحۡكُمُونَ

Karashize ingani, abanyavyaha bibaze ko bocaruka bakatunanira guhana! Nibaba bibaza ukwo rero, ni mbi cane ingingo bafata.

مَن كَانَ يَرۡجُواْ لِقَآءَ ٱللَّهِ فَإِنَّ أَجَلَ ٱللَّهِ لَأٓتٖۚ وَهُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ

Uwuzoba yizeye kuzohura n’Imana Allah Ikamuhembera ivyo yakoze, namenye mu vy’ukuri ko isango ry’Imana Allah ryo kuzura ibiremwa kugira bihemberwe ivyo vyakoze, riri hafi kugera, ni na Yo Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bikora n’ivyo bizirikana.