Skip to content

Ukwinjira kwawe mu bwislamu, gutuma ivyiza wakoze imbere y'aho ubihemberwa"".

Mu vyakiriwe na Hakiim mwene Hizaam (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:

"Narigeze kuvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ubona gute ku vyerekeye ibikorwa vyiza nahora nkora nkiri mu kwemera ibintazi (ubujuju bwo kutamenya ubwislamu); nk'imperezwa, guha ubwigenge umugurano, hamwe rero no kwunga ubuvandimwe, noba nzobihemberwa n'Imana Allah?", Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca anyishura ambwira ati: "Ukwinjira kwawe mu bwislamu, gutuma ivyiza wakoze imbere y'aho ubihemberwa"".

قُلْتُ: يَا رَسُولَ اللَّهِ، أَرَأَيْتَ أَشْيَاءَ كُنْتُ أَتَحَنَّثُ بِهَا فِي الجَاهِلِيَّةِ مِنْ صَدَقَةٍ أَوْ عَتَاقَةٍ، وَصِلَةِ رَحِمٍ، فَهَلْ فِيهَا مِنْ أَجْرٍ؟ فَقَالَ النَّبِيُّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ: «أَسْلَمْتَ عَلَى مَا سَلَفَ مِنْ خَيْرٍ».

Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
Inyigishi y'intumwa yemewe
Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora mu kwerekana ko iyo umugararizamana yinjiye mu bwislamu, aheza agahemberwa ivyiza yahora akora akiri mu kwemera ibintazi (ubujuju bwo kutamenya ubwislamu); nk'ibikorwa vyiza bijanye no gutanga imperezwa, guha ubwigenge umugurano canke kwunga ubuvandimwe.

Insobanuro y'amajambo

أتحنث: أتعبد.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

Ivyiza bikorwa n'umugararizamana kw'isi, iyo apfuye akiri mw'igararizamana, nta mpera azobihemberwa mu buzima bw'inyuma yo gupfa.

Ibitabu vyisunzwe mu kwandika

Igitabu "Swahiihu l-Bukhaariy" (2/ 114) (1436).

Igitabu "Swahiihu Muslim" (1/ 113) (123).

Ivyiyongeyeko (5)

المفهم (1/332).

شرح النووي على مسلم (2/140).

عمدة القاري شرح صحيح البخاري (22/ 96).

فتح الباري لابن حجر (3/ 302).

البحر المحيط الثجاج (3/499).