Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

22 of 183 cards

Clear filters
"Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya. Iyo naho aranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu biranga uburyarya gushika akiretse akavavanura na co. Abarangwa n'ivyo bintu bine rero: ni urya muntu iyo aganiriye abesha, n'iyo atanze isango ntaryubahiriza, n'iyo atase arerura mu gutata, n'iyo yiyemeje ikintu arahemuka".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Burya shetani iraza kuri umwe muri mwebwe ikamubwira iti: "Ni nde yaremye iki? Ni nde yaremye kirya?", gushika n'aho ivuga iti: "Ni nde yaremye Imana yawe Rurema?". Nivyashika rero aho ivuga ukwo, umuntu araca yikinga ku Mana Allah kugira Imukingire ingaruka y'inyoshambi zayo, maze ace areka gushishikara kuvyiyumvira".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yabwiye Mu'aadhi mwene Jabali, igihe imurungika muri Yemeni iti: " Wewe mu vy'ukuri, uzoja guhura n'abantu bahawe Igitabu, nimwahura rero na bo, urabanza ubararikire ukwemera bemange ku mutima bature ku rurimi, ko ata mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah. Nibakwumvira kuri ivyo bakemera, uraheza ubabwire ko Imana Allah Yabategetse gusenga amasengesho atanu ku musi (ijoro n'umurango). Nibakwumvira kuri ivyo bagasenga gatanu ku musi, uraheza ubabwire ko Imana Allah Yabategetse gutanga ishikanwa-bwirizwa, ritangwa n'abakire muri bo rigahabwa abakene muri bo. Nibakwumvira bagatanga nya shikanwa-bwirizwa, uraheza wirinde(woye) kuvogera amatungo yabo y'agaciro, utinye no guhitanwa n'igisabisho c'uwurenganijwe; kuko ata kikibuza kwakirwa n'Imana Allah".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Mu vy'ukuri, Imana Allah ntirenganya namba umwemeramana ku ciza na kimwe akoze, araheza akagisubirizwa mu ndumane akiri kw'isi, akazonagihemberwa no mu buzima bw'inyuma yo gupfa, nayo umugararizamana, araheza agafungurirwa mu guhemberwa ivyo yakoze ku bw'Imana Allah akiri kw'isi, maze yashika mu buzima bw'inyuma yo gupfa, akazosanga ata ciza na kimwe asigaranye yohemberwa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Ubwislamu bwubakiye ku nkingi zitanu: Ukwemera n'ukwemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Umuja wayo akaba n'Intumwa yayo; ugutsimbataza isengesho; ugutanga ishikanwa-bwirizwa; ugushengerera ingoro ntagatifu y'Imana Allah iri i Makka; hamwe rero n'ugupfunga ukwezi kwa Ramadhani".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Akarorero k'indyarya, ni nk'akarorero k'impene ijuragirika hagati y'ubusho bubiri bw'intungwa, ugasanga hari igihe ikurikiye ubu busho ikajana na bwo, ikindi gihe ugasanga ikurikiye buriya ikajana na bwo'".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Narigeze kuvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ubona gute ku vyerekeye ibikorwa vyiza nahora nkora nkiri mu kwemera ibintazi (ubujuju bwo kutamenya ubwislamu); nk'imperezwa, guha ubwigenge umugurano, hamwe rero no kwunga ubuvandimwe, noba nzobihemberwa n'Imana Allah?", Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca anyishura ambwira ati: "Ukwinjira kwawe mu bwislamu, gutuma ivyiza wakoze imbere y'aho ubihemberwa"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Ewe Mana yanje Nzima! Ntuzogire imva yanje kuba ahantu hasengerwa ibigirwamana; kuko Imana Allah Yavumye abantu bagize imva z'Abavugishwamana babo kuba imisigiti".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Ahmad