29 : 26
۞ فَـَٔامَنَ لَهُۥ لُوطٞۘ وَقَالَ إِنِّي مُهَاجِرٌ إِلَىٰ رَبِّيٓۖ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ
Ni ho rero Luutwi yemera Ibrahimu akamukurikira. Ibrahimu ni ho yavuga ati: “Mu vy’ukuri jewe, ngira nimukire mu gihugu ca Shaamu ku bw’Imana yanje Rurema Allah; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora”.
Explanation & meanings · 1
- Shaamu muri kahise, ni izina ry’akarere kari kagizwe n’ibihugu vya Siriya, Libani, Jordaniya, Palestina, Tabuki na Sinayi.