Skip to content

Ntugashavure

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko

hari umuntu yasavye Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) amubwira ati: "Mpanura ico nogenderako nk'iragi". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamubwiye ati: "Ntugashavure". Uyo muntu rero yarasubiyemwo ico kibazo incuro nyinshi, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) na we aguma amusubiriramwo ya nyishu nyene ati: "Ntugashavure".

أَنَّ رَجُلًا قَالَ لِلنَّبِيِّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ: أَوْصِنِي، قَالَ: «لَا تَغْضَبْ» فَرَدَّدَ مِرَارًا قَالَ: «لَا تَغْضَبْ».

Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
Inyigishi y'intumwa yemewe
Ugusobanura

Umwe mu ngendanyi (Imana Allah Izishimire) yasavye Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko yomubwira ikintu yoheza akagendera, maze kikamugirira akamaro mu buzima, aca amutegeka ko atotwarwa n'ishavu, ivyo bikaba bifise insiguro ko yokwirinda ibituma umuntu ashavura, maze akigumya igihe cose hagize icotuma ashavura, agaheza rero akareka kuguma ashavuye ngo agere ingere ku yindi yihora mu kwica, canke mu gukubita, canke mu gutukana, n'ibindi nk'ivyo. Nya muntu rero yagumye asubiramwo kenshi mu gusaba impanuro yogendera nk'iragi, maze Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) na we ntiyahejeje ngo arenzeko na kimwe ku nyishu yari yamuhaye, yashishikaye kumuha nya mpanuro nyene ati: "Ntugashavure".

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

kwihaniza ko umuntu atwarwa n'ishavu akirinda n'ivyotuma yoshavura; kuko ivyo ari yo nyendamuvano y'inabi zose, ukwirinda ishavu na vyo bikaba ari yo nkomoko y'ineza zose.

Ugushavura ku bw'Imana Allah igihe hahonyanzwe amabwirizwa yayo, biri mu gushavura kwiza gukenewe.

Ugusubiramwo kenshi amajambo iyo bikenewe, bifasha uwubwirwa kwumva no gutahura agaciro k'amajambo abwiwe.

Ivyiza biri mu gusaba umumenyi impanuro umuntu yogendera mu buzima nk'iragi.

Ibitabu vyisunzwe mu kwandika

Igitabu "Swahiihu l-Bukhaariy" (8/ 28) (6116).

(2/ 1038).

Ivyiyongeyeko (8)

التحفة الربانية في شرح الأربعين حديثًا النووية (ص36).

شرح الأربعين النووية.

لابن عثيمين (ص181).

فتح القوي المتين في شرح الأربعين وتتمة الخمسين.

للعباد (ص64).

المعجم الوسيط.

تاج العروس من جواهر القاموس.

للزبيدي (3/ 485).