Skip to content

"Ntibirekuwe ko umuntu yigeramira eka ntibinarekuwe ko ageramira uwundi".

Mu vyakiriwe na Se wa Sa'iid mwene Maaliki mwene Sinaani Al-Khudriy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:

"Ntibirekuwe ko umuntu yigeramira eka ntibinarekuwe ko ageramira uwundi".

«لَا ضَرَرَ وَلَا ضِرَارَ».

Yashikirijwe na Ibnu Maajah, Al-Daaraqutwniy, n'abandi, ifise uruhererekane rw'ubwakirizi
Inyigisho nziza y'intumwa
Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko ari ngombwa gukinga ibibangamira abantu, mu moko yavyo yose, iyo vyozanana hose, maze umuntu akavyikingira akanabikingira abandi, burya nta muntu n'umwe arekuriwe kwibangamira canke kubangamira abandi. Ntibinarekuwe ko umuntu agera ingere ku yindi iyo hagize uwumugeramira; kuko ikibangamye ntigikurwaho n'ikindi kibangamye kiretse iyo ari mu ntumbero yo kwihora ata kurenza urugero ku vyo umuntu yakorewe.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

Birabujijwe ko umuntu yihora mu kurenza urugero rw'ikibi yakorewe.

Imana Allah ntiyigeze Itegeka abantu ikintu na kimwe cobageramira.

Iyi nyigisho y'intumwa, ni umushinge ngenderwako wisungwa mu kuziririza ko umuntu yigeramira. Ukugeramira abanndi gushobora kuba mw'ijambo, mu gukora ikintu canke mu kureka.

Biri mu mategeko y'ubwislamu ko "ikibangamye kidakurwaho n'ikindi", burya amategeko y'ubwislamu ntarekurira umuntu gukora ibibangamye, aranabuza cane kubangamira abandi.

Ibitabu vyisunzwe mu kwandika

Igitabu "Sunanu AL-Daaraqutwniy" (4/ 51) (3079).

Ivyiyongeyeko (5)

التحفة الربانية في شرح الأربعين حديثًا النووية (ص74).

شرح الأربعين النووية.

لابن عثيمين (ص325).

فتح القوي المتين في شرح الأربعين وتتمة الخمسين.

للعباد (ص112).