Skip to content

Jewe ndi Nyawikwije Azira ibangikanywa. Kubera ivyo, uwo wese agize ico akora akimbangikanijeko n'ikindi kintu, nca ndamurekera nya gikorwa nkamutererana n'ico yambangikanije

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:

"Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Nyenimigisha-ntangere Yavuze Iti: Jewe ndi Nyawikwije Azira ibangikanywa. Kubera ivyo, uwo wese agize ico akora akimbangikanijeko n'ikindi kintu, nca ndamurekera nya gikorwa nkamutererana n'ico yambangikanije".

«قال الله تبارك وتعالى: أنا أغنى الشركاء عن الشرك، من عمل عملًا أشرك فيه معي غيري، تركتُهُ وشركَهُ».

Yashikirijwe na Muslimu
Inyigishi y'intumwa yemewe
Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Nyenimigisha-ntangere Yavuze ko ari Yo Nyawikwije Izira ibangikanywa; kuko ari Yo Yikenuye muri vyose, n'uko umuntu iyo agize igikorwa akora mu bikorwa nyumviramana (nyobokamana), maze akagikora ku bw'Imana Allah no ku bw'ikindi kintu kitari Yo, Ica Ireka kukimwakirira kikamugarukako (Ikanakimusubiza). Ni ngombwa rero ko haba izirikanagikorwa ku bw'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, kuko Nyenukuninahazwa Atakira na kimwe mu bikorwa, kiretse icakoranywe izirikanamana (izirikanagikorwa ku bwayo).

Insobanuro y'amajambo

.....:

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

Ukwihaniza ukihanikiriza (Ukwamirira kure) ibangikanyamana mu buryo ubwo ari bwo bwose ryokorwamwo, n'uko nya bangikanyamana ari inzitizi ry'iyakirwa ry'ibikorwa vy'umuntu ku Mana Allah.

Ukwiyumvamwo ko Imana Allah Yikwije muri vyose n'uko Ihambaye, ivyo bigatuma umuntu agira izirikanamana mu vyo akora vyose.

Ibitabu vyisunzwe mu kwandika

Igitabu "Swahiihu Muslim" (4/ 2289) (2985).

Ivyiyongeyeko (5)

شرح النووي على مسلم (18/ 115).

الملخص في شرح كتاب التوحيد.

لصالح الفوزان (ص287).

الجديد في شرح كتاب التوحيد.

لمحمد القرعاوي (ص325).