Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

8 of 183 cards

Clear filters
"Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya. Iyo naho aranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu biranga uburyarya gushika akiretse akavavanura na co. Abarangwa n'ivyo bintu bine rero: ni urya muntu iyo aganiriye abesha, n'iyo atanze isango ntaryubahiriza, n'iyo atase arerura mu gutata, n'iyo yiyemeje ikintu arahemuka".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Akarorero k'indyarya, ni nk'akarorero k'impene ijuragirika hagati y'ubusho bubiri bw'intungwa, ugasanga hari igihe ikurikiye ubu busho ikajana na bwo, ikindi gihe ugasanga ikurikiye buriya ikajana na bwo'".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Ewe Mana yanje Nzima! Ntuzogire imva yanje kuba ahantu hasengerwa ibigirwamana; kuko Imana Allah Yavumye abantu bagize imva z'Abavugishwamana babo kuba imisigiti".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Ahmad
"Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya igaragara, uwuranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu bintu biranga indyarya gushika igihe avavanuye na co: iyo agize ngo araganiriye, arabesha; n'iyo agize ngo ariyemeje ikintu, arahemuka ntagishitsa; n'iyo agize ngo aratanze isezerano ntaryubahiriza; n'iyo hagize uwo batase, arerura mu kumucokora".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Uwo wese arahiye ku kitari Imana Allah, ni ukuri aba agararije canke abangikanije"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy na Ahmad
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaradusengesheje isengesho ryo mu mutwenzi turi ahitwa Al-Hudaybiyya, inyuma y'imvura yari yaraye iguye, isengesho rimaze kurangira yarahindukiye iraba abantu, ica ivuga iti: "Mbega mwoba muzi ico Imana yanyu Rurema Allah Yavuze?". Abari ng'aho bavuze bayishura bati: "Imana Allah N'Intumwa yayo, ni Bo Bazi gusumba". Iraheza ivuga ko Imana Allah Yavuze Iti: "Mu baja banje, haramutse harimwo uwunyemera n'uwungarariza; uwavuze ati: "Twaronkejwe akavura ku mpano n'impuhwe bivuye ku Mana Allah", uyo ni we anyemera akagarariza inyenyeri. Nayo uwavuze ati: "Twaronkejwe akavura ku mvo z'iki na kirya", uyo ni we angarariza akemera inyenyeri".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Uwuzohura n'Imana Allah atigeze ayibangikanya n'ikintu na kimwe, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Nayo uwuzohura na Yo yarayibangikanije, azokwinjira mu muriro udahera".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
Navuze mbwira Intumwa y'Imana nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mwene Jud'aani, imbere y'umuzo w'ubwislamu yahora yunga ubuvandimwe, akanafungurira abakene, mbega none ivyo yakoze hari ico bizomumarira? Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze yishura iti: "Ihibambewe! Nta co bizomumarira, kuko mu vy'ukuri ata na rimwe yigeze asaba Imana Allah avuga ati: "Mana yanje Rurema! Ndagusavye Uzombabarire ivyaha vyanje ku musi w'impera""".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu