وَٱلتِّينِ وَٱلزَّيۡتُونِ
Jewe Allah, Ndarahiye kuri “Tiini” na “Zayituuni” (vyahezagiwe)!
- Tiini na Zayituuni, ni ubwoko bw'ivyamwa.
التِّين is chapter 95 of the Quran and has 8 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.
وَٱلتِّينِ وَٱلزَّيۡتُونِ
Jewe Allah, Ndarahiye kuri “Tiini” na “Zayituuni” (vyahezagiwe)!
وَطُورِ سِينِينَ
No ku musozi wa Sinayi, ari na ho Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yavuganiye n’Imana Allah ukuri kwamye!
وَهَٰذَا ٱلۡبَلَدِ ٱلۡأَمِينِ
No kuri iki gisagara ca Makka gitekanye!
لَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ فِيٓ أَحۡسَنِ تَقۡوِيمٖ
Ni ukuri Twebwe Allah, Twaremye umuntu mw’ishusho ryiza cane;
ثُمَّ رَدَدۡنَٰهُ أَسۡفَلَ سَٰفِلِينَ
Hanyuma Tumusubiza mu muriro udahera, mu gihe atokwumvira Imana Allah agakurikira n’Intumwa zayo.
إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ فَلَهُمۡ أَجۡرٌ غَيۡرُ مَمۡنُونٖ
Ariko rero abemeye Imana Allah n’Intumwa bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barategekanirijwe impembo itagabanijwe, idahera.
فَمَا يُكَذِّبُكَ بَعۡدُ بِٱلدِّينِ
Muntu! None ni igiki gituma inyuma y’ivyo vyose, uhakana wivuye inyuma umusi w’impera!
أَلَيۡسَ ٱللَّهُ بِأَحۡكَمِ ٱلۡحَٰكِمِينَ
Mbega burya Imana Allah, Yategekanije umusi wo gutunganiriza ibiremwa, si Yo Nyene kugira ubutungane bubereye ku biremwa vyayo gusumba abacamanza bose! Yobuzwa n’iki! Ego cane, ni Yo!