Skip to content
Surah List /

البَلَد

البَلَد is chapter 90 of the Quran and has 20 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

20 Ayahs Surah No. 90
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

لَآ أُقۡسِمُ بِهَٰذَا ٱلۡبَلَدِ

Jewe Allah, Ndarahiye kuri iki gisagara ceranda ca Makka!

وَأَنتَ حِلُّۢ بِهَٰذَا ٱلۡبَلَدِ

Kikaba ari na co wewe Intumwa Muhamadi urekuriwe gukoreramwo ico ushatse.

Explanation & meanings · 1
  1. Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yarekuriwe gukorera mu gisagara ca Makka ico ishatse, harimwo n’indwano mu kiringo kitarenga isaha imwe ku mutaga. Iyi Aayah, irerekana ko Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), izokwigarurira ico gisagara habanje kuba indwano.

وَوَالِدٖ وَمَا وَلَدَ

Ndarahiye kandi no ku kiremwa kivyara (ari co Adamu) n’ikivyarwa (mu rwaruka rwiwe)!

لَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ فِي كَبَدٍ

Ko mu vy’ukuri Twebwe Allah Twaremye, ikiremwa-muntu kizohura n’umuruho ku wundi kw’isi kugeza gupfa.

أَيَحۡسَبُ أَن لَّن يَقۡدِرَ عَلَيۡهِ أَحَدٞ

Mbega umuntu kubera amatungo yegeranije, yibaza ko ata wuzoshobora kumugonda!