Skip to content
Surah List /

الزُّمَر

الزُّمَر is chapter 39 of the Quran and has 75 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

75 Ayahs Surah No. 39
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

تَنزِيلُ ٱلۡكِتَٰبِ مِنَ ٱللَّهِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡحَكِيمِ

Ihishurwa ry’iki Gitabu ca Qor’ani ryavuye ku Mana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.

إِنَّآ أَنزَلۡنَآ إِلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ بِٱلۡحَقِّ فَٱعۡبُدِ ٱللَّهَ مُخۡلِصٗا لَّهُ ٱلدِّينَ

Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakumanuriye Qor’ani vy’ukuri. Kubera ivyo rero, niwiyegereze Imana Allah mu vyo ukora vyose, unayisenge ari Imwe Rudende, weze n’ivyo ugira vyose ku bwayo.

أَلَا لِلَّهِ ٱلدِّينُ ٱلۡخَالِصُۚ وَٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُواْ مِن دُونِهِۦٓ أَوۡلِيَآءَ مَا نَعۡبُدُهُمۡ إِلَّا لِيُقَرِّبُونَآ إِلَى ٱللَّهِ زُلۡفَىٰٓ إِنَّ ٱللَّهَ يَحۡكُمُ بَيۡنَهُمۡ فِي مَا هُمۡ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَۗ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي مَنۡ هُوَ كَٰذِبٞ كَفَّارٞ

Bantu, nimwumve mwumvireho! Iyumviramana rizira ibangikanya, rikwiye Imana Allah. Nayo abayibangikanya bakigirira mu gishingo cayo abahagarikizi, barinamura bati: “Ntitubangikanya Imana Allah mu gusenga izo mana atari ukugira ngo zidushikane kuri Yo, maze tube hafi yayo”, gutyo bakaba baragararije. Mu vy’ukuri ku musi w’izuka, Imana Allah Izoca urugororotse hagati y’abemeramana n’ababangikanyamana ku vyo bahora bahazanako mw’idini bakiri kw’isi, hanyuma Ihembere umwumwe wese muri bo ivyo yakoze. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntishoboza gutumbera inzira yayo uwuyirementaniriza, akagarariza yivuye inyuma ivyemezo vyayo.

لَّوۡ أَرَادَ ٱللَّهُ أَن يَتَّخِذَ وَلَدٗا لَّٱصۡطَفَىٰ مِمَّا يَخۡلُقُ مَا يَشَآءُۚ سُبۡحَٰنَهُۥۖ هُوَ ٱللَّهُ ٱلۡوَٰحِدُ ٱلۡقَهَّارُ

Iyo rero Imana Allah Ishaka kwigenera umwana, Yari guhitamwo mu biremwa vyayo uwo Ishatse. Ukuninahazwa ni ukw’Imana Allah, kurengeye cane kuba Yokwigenera umwana! Imana Allah ni Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere;

خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِٱلۡحَقِّۖ يُكَوِّرُ ٱلَّيۡلَ عَلَى ٱلنَّهَارِ وَيُكَوِّرُ ٱلنَّهَارَ عَلَى ٱلَّيۡلِۖ وَسَخَّرَ ٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَۖ كُلّٞ يَجۡرِي لِأَجَلٖ مُّسَمًّىۗ أَلَا هُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡغَفَّٰرُ

Imana Allah, Yaremye vy’ukuri amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, Iserura ijoro ahavuye umurango, Igaserura umurango ahavuye ijoro. Yaranaremye izuba n’ukwezi, kimwe cose gica mu nzira-ntasobwa yaco kugera kw’isango ryagezwe. Bantu, nimwumve mwumvireho! Burya Imana Allah Yaremye ivyo vyose, ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazinyinshi;