Skip to content
الزُّمَر /

Ayah 17

39 : 17

Ayah 17 of الزُّمَر (39 : 17). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الزُّمَر Ayahs 75
Surah · الزُّمَر
Ikirundi · Gehiti
39 : 17

وَٱلَّذِينَ ٱجۡتَنَبُواْ ٱلطَّٰغُوتَ أَن يَعۡبُدُوهَا وَأَنَابُوٓاْ إِلَى ٱللَّهِ لَهُمُ ٱلۡبُشۡرَىٰۚ فَبَشِّرۡ عِبَادِ

Na barya bitandukanya n’isengwa ry’ibigirwamana vy’ubwoko bwose, bakagaruka bakigaya ku Mana Allah, maze bakayiyegereza mu vyo bagira vyose, bagenewe inkuru nziza yo kuyagwa no gushobozwa n’Imana Allah mu buzima bwo kw’isi, hamwe rero no kuronswa impembo nziza kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru. Ntumwa y’Imana! Shikiriza rero inkuru nziza ihumuriza abaja banje;

Explanation & meanings · 1
  1. Ibigirwamana vyo mu bwoko bwose “TWAAGHUUT”, ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah, gishimishwa n’iryo sengwa.