Skip to content
الزُّمَر /

Ayah 32

39 : 32

Ayah 32 of الزُّمَر (39 : 32). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الزُّمَر Ayahs 75
Surah · الزُّمَر
Ikirundi · Gehiti
39 : 32

۞ فَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّن كَذَبَ عَلَى ٱللَّهِ وَكَذَّبَ بِٱلصِّدۡقِ إِذۡ جَآءَهُۥٓۚ أَلَيۡسَ فِي جَهَنَّمَ مَثۡوٗى لِّلۡكَٰفِرِينَ

Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah, canke uwuhakana yivuye inyuma ukuri kwarungikanwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) igihe kumushikiriye. Ni ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ho hari icumbi ry’abagarariji.

Explanation & meanings · 1
  1. Mu kuyitirira ibitaberanye n’icubahiro cayo; nko kuyitirira umwana, canke umugore, canke kuyibangikanya, canke gushinga ingingo ngo ni iy’Imana Allah kandi ata ho Yigeze Iyihishura.