Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

4 of 183 cards

Clear filters
"Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya. Iyo naho aranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu biranga uburyarya gushika akiretse akavavanura na co. Abarangwa n'ivyo bintu bine rero: ni urya muntu iyo aganiriye abesha, n'iyo atanze isango ntaryubahiriza, n'iyo atase arerura mu gutata, n'iyo yiyemeje ikintu arahemuka".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya igaragara, uwuranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu bintu biranga indyarya gushika igihe avavanuye na co: iyo agize ngo araganiriye, arabesha; n'iyo agize ngo ariyemeje ikintu, arahemuka ntagishitsa; n'iyo agize ngo aratanze isezerano ntaryubahiriza; n'iyo hagize uwo batase, arerura mu kumucokora".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Iyo abislamu babiri bakuye imipanga (canke inkota zabo) mu rwubati ngo barwane, maze umwe muri bo akica mugenziwe, uwishe n'uwishwe bose bazoja mu muriro". Naciye mvuga mbaza nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ku wishe, birumvikana igitumye ahanwa, none uwishwe wewe azira iki?". Yaciye yishura ivuga iti: "Azira ko na we nyene yari arajwe ishinga n'ukwica mugenziwe iyo atamwitanga"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Nimwirinde gukora ibintu indwi bihonya bigatongora". Ingendanyi zari ng'aho ziraheza zibaza ziti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ivyo bintu indwi bihonya bigatongora, ni ibihe?". Intumwa y'Imana ica yishura iti: "Ni ibangikanyamana, ukuroga, ukwica umuntu kizira ko yicwa kiretse mu gihe hubahirijwe ukuri, ukurya inyungu izira (ribaa), ukurya n'ukwihagira amatungo y'impfuvyi, ukugenza umugongo ku rugamba umusi rwarese (rwakamvye), hamwe rero n'ugukorera inteba ishushe mu kwagiriza ubusambanyi abemeramanakazi bubatse izabo batigera biyumvira na rimwe gusambana"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu