"Ntimukige ubumenyi kugira mubukoreshe mu kwihaya ku bandi bamenyi, ntimukige ubumenyi kugira mubukoreshe mu guhaririza ibijuju
Mu vyakiriwe na Jaabiri mwene Abdillaahi (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Ntimukige ubumenyi kugira mubukoreshe mu kwihaya ku bandi bamenyi, ntimukige ubumenyi kugira mubukoreshe mu guhaririza ibijuju, ntimukige ubumenyi kugira mubwitwaze mu guhabwa ivyicaro vy'iteka, uwo wese rero azokora kimwe muri ivyo, azoba akwiye guhanwa mu muriro udahera, azoba akwiye guhanwa mu muriro udahera".
«لَا تَعَلَّمُوا الْعِلْمَ لِتُبَاهُوا بِهِ الْعُلَمَاءَ، وَلَا لِتُمَارُوا بِهِ السُّفَهَاءَ، وَلَا تَخَيَّرُوا بِهِ الْمَجَالِسَ، فَمَنْ فَعَلَ ذَلِكَ، فَالنَّارُ النَّارُ».
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarihanije umuntu ko yorondera ubumenyi kugira yihayagize ku bandi bamenyi mu kwiyemera ati: jewe burya ndi umumenyi nkamwe, canke kugira akoreshe nya bumenyi mu guhaririza ibijuju n'abakehaniwe ubwenge, canke akarondera ubumenyi kugira ahabwe ivyicaro vy'imbere, canke ngo abe ari we baherako mu kwicarika abantu. Uwo wese rero akoze kimwe muri ivyo, ni ukuri aba akwiye kuja mu muriro udahera ku kwiyerekana kwiwe "riyaa-u", akaba atagira n'izirikanamana "ikhlaasw" mu kurondera ubumenyi kwiwe.
...:
Gusezeranira umuriro uwo wese yiga ubumenyi kugira abukoreshe mu kwihaya, canke mu guhaririza abantu, canke mu kurondera guhabwa ivyicaro vy'imbere mu bandi, n'ibindi nk'ivyo.
Akamaro k'izirikanamana "niyya" no kweza izirikanagikorwa "ikhlaasw" ku wurondera kwiga no kwigisha ubumenyi.
Izirikanagikorwa, ni umushinge w'ibikorwa vyose, ni na wo wisungwa mu guhabwa umuntu impera yavyo.
Igitabu "Sunanu Ibnu Maajah" (1/ 170) (254).
Ivyiyongeyeko (2)
مرشد ذوي الحجا والحاجة (2/378).
مشارق الأنوار الوهاجة ومطالع الأسرار البهاجة في شرح سنن الإمام ابن ماجه (4/ 482).