Skip to content
Surah List /

التَّحرِيم

التَّحرِيم is chapter 66 of the Quran and has 12 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

12 Ayahs Surah No. 66
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ لِمَ تُحَرِّمُ مَآ أَحَلَّ ٱللَّهُ لَكَۖ تَبۡتَغِي مَرۡضَاتَ أَزۡوَٰجِكَۚ وَٱللَّهُ غَفُورٞ رَّحِيمٞ

Ewe Muvugishwamana! Ni kuki uziririza gufungura ivyo Imana Allah Yakurekuriye, urondera gushimisha abakenyezi bawe? Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimpuhwe ku batoni bayo.

قَدۡ فَرَضَ ٱللَّهُ لَكُمۡ تَحِلَّةَ أَيۡمَٰنِكُمۡۚ وَٱللَّهُ مَوۡلَىٰكُمۡۖ وَهُوَ ٱلۡعَلِيمُ ٱلۡحَكِيمُ

Mu vy’ukuri Imana Allah, Yarabategetse kugira icuhagizo mu kuzirura ivyo mwarahiriye. Imana Allah, ni Yo Muhagarikizi wanyu Nkinzoyabatoni, ni na Yo Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora.

Explanation & meanings · 1
  1. Ico cuhagizo rero co kuzirura ivyo umuntu yaziririje mu kurahira, ni ugufungurira abakene cumi, canke kubambika, canke guha ubwigenge umugurano. Uwudashoboye kugira kimwe muri vyo, araheza agapfunga imisi itatu.

وَإِذۡ أَسَرَّ ٱلنَّبِيُّ إِلَىٰ بَعۡضِ أَزۡوَٰجِهِۦ حَدِيثٗا فَلَمَّا نَبَّأَتۡ بِهِۦ وَأَظۡهَرَهُ ٱللَّهُ عَلَيۡهِ عَرَّفَ بَعۡضَهُۥ وَأَعۡرَضَ عَنۢ بَعۡضٖۖ فَلَمَّا نَبَّأَهَا بِهِۦ قَالَتۡ مَنۡ أَنۢبَأَكَ هَٰذَاۖ قَالَ نَبَّأَنِيَ ٱلۡعَلِيمُ ٱلۡخَبِيرُ

Ibuka n’igihe Umuvugishwamana yongorera umukenyezi wiwe Hafswa umukobwa wa Omari (Imana Allah Imwishimire) ko atagisubira gufungura ubuki, uyo mukenyezi amaze kumenyesha iyo nkuru Aisha umukobwa wa Abu Bakri (Imana Allah Imwishimire), Imana Allah na Yo Ikamenyesha Umuvugishwamana ko nya nkuru yamenyekanye, wa Muvugishwamana yaciye ahishuka umukenyezi wiwe Hafswa umukobwa wa Omari (Imana Allah Imwishimire) bimwe mu vyo yaseruye, araheza yirengagiza ibindi. Amaze kubimwiganira rero ido n’ido, wa mukenyezi yaramubajije ati: “Ni nde yabikubwiye?!”. Na we amwishura ati: “Nabibwiwe n’Imana Allah Nyenubumenyikurivyose, Muhetuziwavyose”.

Explanation & meanings · 1
  1. Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

إِن تَتُوبَآ إِلَى ٱللَّهِ فَقَدۡ صَغَتۡ قُلُوبُكُمَاۖ وَإِن تَظَٰهَرَا عَلَيۡهِ فَإِنَّ ٱللَّهَ هُوَ مَوۡلَىٰهُ وَجِبۡرِيلُ وَصَٰلِحُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَۖ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ بَعۡدَ ذَٰلِكَ ظَهِيرٌ

Ewe Hafswa na Aisha! Nimwigaya ku Mana Allah, imishaha yanyu izoba yahisemwo gusaba imbabazi. Nimwateranira Umuvugishwamana, mugafashanya gukora ibimushavuza naho; ni ukuri Imana Allah, ni Yo Mutabazi wiwe, n’umumalayika Jibrili, hamwe n’aberanda mu bemeramana. Vyongeye, n’abamalayika bose inyuma y’aho bazomurwanako.

عَسَىٰ رَبُّهُۥٓ إِن طَلَّقَكُنَّ أَن يُبۡدِلَهُۥٓ أَزۡوَٰجًا خَيۡرٗا مِّنكُنَّ مُسۡلِمَٰتٖ مُّؤۡمِنَٰتٖ قَٰنِتَٰتٖ تَٰٓئِبَٰتٍ عَٰبِدَٰتٖ سَٰٓئِحَٰتٖ ثَيِّبَٰتٖ وَأَبۡكَارٗا

Kumbure niyahukana na mwe, Imana yiwe Rurema Allah Izomushingira abandi bakenyezi b’intore kubasumba, abislamukazi bicisha bugufi, abemeramanakazi bagamburuka, bigaya ivyaha iyo bacumuye, biyegereza cane ku Mana Allah, bipfunga, abagore n’inkumi zikiri amasugi.