Skip to content
Surah List /

الإخلَاص

الإخلَاص is chapter 112 of the Quran and has 4 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

4 Ayahs Surah No. 112
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

قُلۡ هُوَ ٱللَّهُ أَحَدٌ

Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Imana Allah, ni Imwe Rudende mu bumana bwayo, mu bushobozi bwo kurema no mu mazina n’amatazirano yayo.

ٱللَّهُ ٱلصَّمَدُ

Imana Allah, ni Yo Nyenugutumberwa muri vyose.

لَمۡ يَلِدۡ وَلَمۡ يُولَدۡ

Ntiyavyaye kandi ntiyavyawe, eka ntigira n’umugore.

وَلَمۡ يَكُن لَّهُۥ كُفُوًا أَحَدُۢ

Kandi ntigira ikiremwa na kimwe bisa canke bisusa, haba mu mazina n’amatazirano yayo, haba no mu bushobozi bwayo”.