Skip to content
Surah List /

الصَّف

الصَّف is chapter 61 of the Quran and has 14 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

14 Ayahs Surah No. 61
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

سَبَّحَ لِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۖ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ

Ibiri mu majuru no kw’isi vyose, bininahaza Imana Allah. Ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لِمَ تَقُولُونَ مَا لَا تَفۡعَلُونَ

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ni kuki musezerana canke muvuga ivyo mudakora ngo muvyubahirize?

Explanation & meanings · 1
  1. Iyi Aayah, ni inkebuzo ku muntu uwo ari we wese akora ibihushanye n’ivyo avuga.

كَبُرَ مَقۡتًا عِندَ ٱللَّهِ أَن تَقُولُواْ مَا لَا تَفۡعَلُونَ

Birashavuza cane Imana Allah kuvuga ivyo mudakora.

إِنَّ ٱللَّهَ يُحِبُّ ٱلَّذِينَ يُقَٰتِلُونَ فِي سَبِيلِهِۦ صَفّٗا كَأَنَّهُم بُنۡيَٰنٞ مَّرۡصُوصٞ

Mu vy’ukuri Imana Allah, Irakunda abaharanira idini ryayo bafatanye mu nda, bari ku murongo umwe bameze nka kurya kw’inyubakwa imwe ifatanye.

Explanation & meanings · 2
  1. Barangwa n’ubumwe ku buryo umwansi adashobora kubacanishamwo.
  2. Iyi Aayah, yerekana ivyiza vyinshi vyagenewe abaharanira idini ry'Imana Allah bafatanye mu nda; abo, akaba ari bo bakundwa n’Imana Allah.

وَإِذۡ قَالَ مُوسَىٰ لِقَوۡمِهِۦ يَٰقَوۡمِ لِمَ تُؤۡذُونَنِي وَقَد تَّعۡلَمُونَ أَنِّي رَسُولُ ٱللَّهِ إِلَيۡكُمۡۖ فَلَمَّا زَاغُوٓاْ أَزَاغَ ٱللَّهُ قُلُوبَهُمۡۚ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلۡفَٰسِقِينَ

Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwira abantu bayo iti: “Bantu banje narungitsweko! Ni kuki mumbabaza (mu kugarariza), kandi muzi neza ko jewe ndi Intumwa y’Imana kuri mwebwe!”. Igihe rero abantu ba Musa bamariye guhengama (bagata inzira y’ukuri), Imana Allah, Yaciye Ihengamika imitima yabo kurusha. Burya Imana Allah, ntirongora ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo.