Skip to content
المَائدة /

Ayah 116

5 : 116

Ayah 116 of المَائدة (5 : 116). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

المَائدة Ayahs 120
Surah · المَائدة
Ikirundi · Gehiti
5 : 116

وَإِذۡ قَالَ ٱللَّهُ يَٰعِيسَى ٱبۡنَ مَرۡيَمَ ءَأَنتَ قُلۡتَ لِلنَّاسِ ٱتَّخِذُونِي وَأُمِّيَ إِلَٰهَيۡنِ مِن دُونِ ٱللَّهِۖ قَالَ سُبۡحَٰنَكَ مَا يَكُونُ لِيٓ أَنۡ أَقُولَ مَا لَيۡسَ لِي بِحَقٍّۚ إِن كُنتُ قُلۡتُهُۥ فَقَدۡ عَلِمۡتَهُۥۚ تَعۡلَمُ مَا فِي نَفۡسِي وَلَآ أَعۡلَمُ مَا فِي نَفۡسِكَۚ إِنَّكَ أَنتَ عَلَّٰمُ ٱلۡغُيُوبِ

Nimwibuke kandi umusi w’izuka, igihe Imana Allah Yavuze Iti: “Ewe Isa mwene Mariyamu! Mbega ni wewe wabwiye abantu uti: “Nimungire jewe hamwe n’umuvyeyi wanje Mariyamu imana musenga mu gishingo c’Imana Allah!””. Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) azokwishura ati: “Ininahazwa ni iry’iwawe Mana! Sindekuriwe namba kubwira abantu ikitari ukuri. Ninaba naho narabivuze, ni ukuri warabimenye kuko ntakikwinyegeza, Urazi ibiri muri jewe mu gihe jewe ntazi ibiri muri Wewe. Mu vy’ukuri Wewe, ni We Uzi neza ibinyegejwe ibiremwa;