17 : 81
وَقُلۡ جَآءَ ٱلۡحَقُّ وَزَهَقَ ٱلۡبَٰطِلُۚ إِنَّ ٱلۡبَٰطِلَ كَانَ زَهُوقٗا
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ukuri kw’ubwislamu kwaraje, ikinyoma c’ibangikanyamana kiraheza gikubitirwa ahabona, mu vy’ukuri ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka, bitebe bitebuke gitegerezwa kuganzwa kigende amazimayongo”.