"Mu vy'ukuri, Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo Baraziririje kugurisha inzoga, kwihereza intumvyi n'ingurube, hamwe rero n'isengwa ry'ibigirwamana"
Mu vyakiriwe na Jaabiri mwene Abdullaahi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko yumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) iri i Makka mu mwaka w'ihabuzwa ry'igisagara ca Makka, ivuga iti:
"Mu vy'ukuri, Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo Baraziririje kugurisha inzoga, kwihereza intumvyi n'ingurube, hamwe rero n'isengwa ry'ibigirwamana". Maze umuntu umwe mu bari aho aca avuga ati: "Ntumwa y'Imana! Ubona gute mu gihe ibinure vyokurwa ku ntumvyi! Mu vy'ukuri, ivyo binure birakoreshwa mu gusiga ku mbaho zikoreshwa mu kwubaka ubwato, bigasigwa no ku nsato kugira zorohe, eka n'abantu nyene baravyisiga, vyoba birekuwe?". Intumwa ica yishura iti: "Ihibambewe! Ivyo binure kirazira kuvyikorako". Hanyuma ico gihe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye ivuga iti: "Abayahudi barakicwa n'Imana Allah! Ni ukuri, igihe Imana Allah Yaziririza ibinure vy'intumvyi ku bayahudi, barabihinguye baca baravyikorako mu kubigurisha, hanyuma bafungura igiciro cavyo".
«إِنَّ اللَّهَ وَرَسُولَهُ حَرَّمَ بَيْعَ الخَمْرِ، وَالمَيْتَةِ وَالخِنْزِيرِ وَالأَصْنَامِ»، فَقِيلَ: يَا رَسُولَ اللَّهِ، أَرَأَيْتَ شُحُومَ المَيْتَةِ، فَإِنَّهَا يُطْلَى بِهَا السُّفُنُ، وَيُدْهَنُ بِهَا الجُلُودُ، وَيَسْتَصْبِحُ بِهَا النَّاسُ؟ فَقَالَ: «لاَ، هُوَ حَرَامٌ»، ثُمَّ قَالَ رَسُولُ اللَّهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ عِنْدَ ذَلِكَ: «قَاتَلَ اللَّهُ اليَهُودَ إِنَّ اللَّهَ لَمَّا حَرَّمَ شُحُومَهَا جَمَلُوهُ، ثُمَّ بَاعُوهُ، فَأَكَلُوا ثَمَنَهُ».
Jaabiri mwene Abdullaahi (Imana Allah Ibishimire bompi) yarumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ari i Makka mu mwaka w'ihabuzwa ry'igisagara ca Makka avuga ati: Mu vy'ukuri, Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo Baraziririje igurishwa ry'inzoga, ukurya intumvyi n'ingurube, hamwe rero n'ugusenga ibigirwamana; maze umwe mu bari ng'aho aca avuga abaza Intumwa ati: Ewe Ntumwa y'Imana! Mbega vyoba birekuwe ko tugurisha ibinure bivuye ku ntumvyi? Kuko mu vy'ukuri, birakoreshwa bigasigwa ku bwato bwunguruza abantu, bigasigwa no ku nsato, bikanakoreshwa n'abantu mu kwatsa amatara, Intumwa ica yishura iti: Ihibambewe! Ntibirekuwe. Ukubigurisha kirazira kikaziririzwa. Hanyuma ni ho (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaca ivuga iti: Burya Imana Allah Yahoneje abayahudi Yongera Irabavuma. Mu vy'ukuri, igihe Imana Allah Yaziririza ku bayahudi ibinure vy'ibitungwa, baciye babiyaza birayonga, maze baca bagurisha amavuta yavyo, baraheza bafungura igiciro cavyo".
Al-Nawawiy yavuze ati: "Intumvyi, inzoga hamwe n'ingurube, abislamu bose barahurije ku ngingo y'iziririzwa ryo kugurisha kimwe cose muri vyo".
Al-Qaadwi yavuze ati: "Iyi nyigisho y'intumwa ihurikiyemwo ingingo yemeza ko ikintu cose kitarekuwe kuribwa no kucikorako, kiba kizira no kukigurisha, eka no kurya igiciro caco biba bizira, nk'uko biri muri iyi ngingo yerekeye iziririzwa ry'ibinure rivugwa muri iyi nyigisho y'intumwa".
Ibnu Hajar yavuze ati: "Imvugo y'iyo nyigisho irerekana inguvu y'ico abenshi bayitahuyemwo ko imvugo ivuga iti: "Ivyo binure kirazira kikaziririzwa kuvyikorako", yerekana ko ikizira ari ukuyagurisha, atari ukuyikorako".
Urwenge rwose rukoreshwa mu ntumbero yo kuzirura ikizira, ni ikinyoma ceruye ntirurekuwe.
Al-Nawawiy yavuze ati: "Abamenyi bavuze ko iziririzwa ryo kugurisha intumvyi muri rusangi, rihurikiyemwo n'iziririzwa ryo kugurisha ikiziga c'umugararizamana mu gihe twomwica, maze abagararizamana bagasaba ko bamugura, canke ko bagira ico batanze mu kumugombora. Vyaranakiriwe mu nyigisho y'intumwa ko Nawfal mwene Abdullaahi Al-Makhzuumiy yishwe n'abislamu ku musi w'urugamba rwa Al-Khandaqi, maze abagararizamana bashaka kugombora ikiziga ciwe mu gutanga ibihumbi cumi vy'Amadirham bahereje Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ntiyaheza ngo ayakire, aca abahereza nya kiziga ata co barinze gutanga".
Igitabu "Swahiihu l-Bukhaariy" (3/ 84) (2236).
Igitabu "Swahiihu Muslim" (3/ 1207) (1581).
Ivyiyongeyeko (9)
التحفة الربانية في شرح الأربعين حديثًا النووية.
(ص97).
فتاوى اللجنة الدائمة - المجموعة الأولى- اللجنة الدائمة للبحوث العلمية والإفتاء (22/ 506).
الشرح الممتع على زاد المستقنع.
لابن عثيمين (1/ 71).
كشف اللثام شرح عمدة الأحكام.
لمحمد السفاريني الحنبلي (4/ 557).
تيسير العلام شرح عمدة الأحكام.
لعبد الله البسام (ص479).