Skip to content
التوبَة /

Ayah 112

9 : 112
التوبَة Ayahs 129
Surah · التوبَة
Ikirundi · Gehiti
9 : 112

ٱلتَّٰٓئِبُونَ ٱلۡعَٰبِدُونَ ٱلۡحَٰمِدُونَ ٱلسَّٰٓئِحُونَ ٱلرَّٰكِعُونَ ٱلسَّٰجِدُونَ ٱلۡأٓمِرُونَ بِٱلۡمَعۡرُوفِ وَٱلنَّاهُونَ عَنِ ٱلۡمُنكَرِ وَٱلۡحَٰفِظُونَ لِحُدُودِ ٱللَّهِۗ وَبَشِّرِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Abahawe iryo sezerano rero, ni abigaya ku Mana Allah bakavavanura n’ivyaha; abitonesha mu kuyiyegereza mu vyo bakora vyose; abayishimagiza mu buryo ubwo ari bwo bwose, uko biri kwose; abipfunga; abayunamira bakanayubamira mu masengesho; ababwiriza abandi gukora ivyiza bakanababuza gukora ibibi; abubaha bakubahiriza amabwirizwa yayo ntibayarengeko. Muvugishwamana! Shikiriza rero abemeramana barangwa n’iyo migenzo, inkuru nziza ibahumuriza ko bishimiwe n'Imana Allah n'uko bazohabwa Ubwami bw’ijuru.