84 : 19
لَتَرۡكَبُنَّ طَبَقًا عَن طَبَقٖ
Bantu! Ni ukuri muzohura n’ibihe bigoye bisumbasumbana.
Explanation & meanings · 1
- Umuntu wese aremwa mw’ima ry’intanga, rigahinduka amaraso avuze; nya maraso avuze agahinduka igihimba c’inyama; hanyuma nya gihimba c’inyama kigahuhirwamwo inkomoko y’ubuzima “Roho”. Yamara kuvuka akabaho, hanyuma agapfa, akazozuka, agashorerwa kw’iyegeranirizo ry’ibiremwa, hanyuma agaharurirwa.