Skip to content
Surah List /

المُنَافِقُونَ

المُنَافِقُونَ is chapter 63 of the Quran and has 11 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

11 Ayahs Surah No. 63
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

إِذَا جَآءَكَ ٱلۡمُنَٰفِقُونَ قَالُواْ نَشۡهَدُ إِنَّكَ لَرَسُولُ ٱللَّهِۗ وَٱللَّهُ يَعۡلَمُ إِنَّكَ لَرَسُولُهُۥ وَٱللَّهُ يَشۡهَدُ إِنَّ ٱلۡمُنَٰفِقِينَ لَكَٰذِبُونَ

Ntumwa y'Imana! Iyo indyarya zije zikugana mu cicaro, ziza zivuga n'akarimi gasosa ziti: “Ni ukuri, turemanga ko wewe uri Intumwa y’Imana”. Burya Imana Allah na Yo, Irazi neza mu vy’ukuri, ko wewe uri Intumwa yayo, kandi Imana Allah Iremanga ko mu vy’ukuri, indyarya zibesha kuko ziyorobeka.

ٱتَّخَذُوٓاْ أَيۡمَٰنَهُمۡ جُنَّةٗ فَصَدُّواْ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِۚ إِنَّهُمۡ سَآءَ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Zagize indahiro zazo, kuba inkinzo izikingira kugirirwa umwikomo no guhanwa, maze zitangura kuburagiza abantu kwinjira mw'idini ry’Imana Allah no kuriharanira. Mu vy’ukuri ivyo zikora, ni bibi cane;

ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ ءَامَنُواْ ثُمَّ كَفَرُواْ فَطُبِعَ عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ فَهُمۡ لَا يَفۡقَهُونَ

Ivyo zibikora, kuko zemeye mu majambo gusa hanyuma zirahakana mu mitima yazo, gutyo haterwa ikimangu c’ubuhakanyi mu mishaha yazo. Kubera ivyo rero, ntizitegera ngo zikore ibizifitiye akamaro.

۞ وَإِذَا رَأَيۡتَهُمۡ تُعۡجِبُكَ أَجۡسَامُهُمۡۖ وَإِن يَقُولُواْ تَسۡمَعۡ لِقَوۡلِهِمۡۖ كَأَنَّهُمۡ خُشُبٞ مُّسَنَّدَةٞۖ يَحۡسَبُونَ كُلَّ صَيۡحَةٍ عَلَيۡهِمۡۚ هُمُ ٱلۡعَدُوُّ فَٱحۡذَرۡهُمۡۚ قَٰتَلَهُمُ ٱللَّهُۖ أَنَّىٰ يُؤۡفَكُونَ

Iyo uzibonye, imibiri yazo iraguhimbara. Iyo naho zigize ngo ziravuze, wumva amajambo yazo atomoye, kandi imishaha yazo itagira ukwemera namba, zitanatahura na kimwe; nk’aho zoba ari imbaho zitagira ubuzima zegetswe ku ruhome. Ziyumvira ko ikivuzwe cose, ari zo zitunzwe urutoke kubera ubwoba. Ntumwa y’Imana! Kanatsinda ni zo bansi bawe, uraziyubara rero. Zirakavumwa n’Imana Allah. Ni gute zigarariza ukuri zikaguma mu buryarya n’ubuhuvyi ha kwemera vy'ukuri!

وَإِذَا قِيلَ لَهُمۡ تَعَالَوۡاْ يَسۡتَغۡفِرۡ لَكُمۡ رَسُولُ ٱللَّهِ لَوَّوۡاْ رُءُوسَهُمۡ وَرَأَيۡتَهُمۡ يَصُدُّونَ وَهُم مُّسۡتَكۡبِرُونَ

Ntumwa y'Imana! Iyo indyarya zibwiwe ziti: “Enda nyabuna rero, nimuze ku Ntumwa y’Imana musabe ikigongwe, maze na yo ibasabire imbabazi ku Mana Allah”, zica zirabira hirya zizungagiza umutwe n’ubwishime n’akantu, ukazibona zikwirengagiza zinasuzugura ko wozisabira;