Skip to content
Surah List /

المُجَادلة

المُجَادلة is chapter 58 of the Quran and has 22 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

22 Ayahs Surah No. 58
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

قَدۡ سَمِعَ ٱللَّهُ قَوۡلَ ٱلَّتِي تُجَٰدِلُكَ فِي زَوۡجِهَا وَتَشۡتَكِيٓ إِلَى ٱللَّهِ وَٱللَّهُ يَسۡمَعُ تَحَاوُرَكُمَآۚ إِنَّ ٱللَّهَ سَمِيعُۢ بَصِيرٌ

Ni ukuri Imana Allah, Yaramaze kwumva ijambo ry’umupfasoni Khaula umukobwa wa Tha’laba, akubazagiza ku ngingo yo kuziririzwa n’umugabo wiwe Awsi mwene Swaamit, amurega ku Mana Allah. Imana Allah na Yo, Irumva ivyo muganira. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenukwumva, Nyenukubona.

ٱلَّذِينَ يُظَٰهِرُونَ مِنكُم مِّن نِّسَآئِهِم مَّا هُنَّ أُمَّهَٰتِهِمۡۖ إِنۡ أُمَّهَٰتُهُمۡ إِلَّا ٱلَّٰٓـِٔي وَلَدۡنَهُمۡۚ وَإِنَّهُمۡ لَيَقُولُونَ مُنكَرٗا مِّنَ ٱلۡقَوۡلِ وَزُورٗاۚ وَإِنَّ ٱللَّهَ لَعَفُوٌّ غَفُورٞ

Abaziririza muri mwebwe abakenyezi babo mu kuvuga bati: “Wewe kuri jewe, uri ikizira nka mawe yamvyaye”, abakenyezi babo si ba nyina na gato, ba nyina babo ni ababibarutse. Mu vy’ukuri, bavuga ijambo ribi, ni ikinyoma ceruye. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenuguhariribicumuro, Nyenimbabazi-ntangere.

وَٱلَّذِينَ يُظَٰهِرُونَ مِن نِّسَآئِهِمۡ ثُمَّ يَعُودُونَ لِمَا قَالُواْ فَتَحۡرِيرُ رَقَبَةٖ مِّن قَبۡلِ أَن يَتَمَآسَّاۚ ذَٰلِكُمۡ تُوعَظُونَ بِهِۦۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٞ

Abaziririza abakenyezi babo nka ba nyina, hanyuma bakisubirako bakagumana na bo, icuhagizo (igihano) c’ukubazirura, ni uguha ubwigenge umugurano imbere yuko basubira kurangurana amabanga y’abubatse. Iryo, ni ryo tegeko muhawe. Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora.

فَمَن لَّمۡ يَجِدۡ فَصِيَامُ شَهۡرَيۡنِ مُتَتَابِعَيۡنِ مِن قَبۡلِ أَن يَتَمَآسَّاۖ فَمَن لَّمۡ يَسۡتَطِعۡ فَإِطۡعَامُ سِتِّينَ مِسۡكِينٗاۚ ذَٰلِكَ لِتُؤۡمِنُواْ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦۚ وَتِلۡكَ حُدُودُ ٱللَّهِۗ وَلِلۡكَٰفِرِينَ عَذَابٌ أَلِيمٌ

Uwutazoronka uyo mugurano, aripfunga amezi abiri akurikirana imbere yuko barangurana amabanga y’abubatse. Uwutabishoboye na we, arafungurira abakene mirongo itandatu. Iryo tegeko ryorohejwe, kugira ngo mwemere Imana Allah n’Intumwa yayo. Izo rero, ni imbibe ntarengwa z’amabwirizwa y'ibitegetswe n’Imana Allah, ntimukayarengeko. Abagarariza mu kuyahakana bivuye inyuma, barategekanirijwe ibihano bibabaza ku musi w’izuka.

إِنَّ ٱلَّذِينَ يُحَآدُّونَ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ كُبِتُواْ كَمَا كُبِتَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ وَقَدۡ أَنزَلۡنَآ ءَايَٰتِۭ بَيِّنَٰتٖۚ وَلِلۡكَٰفِرِينَ عَذَابٞ مُّهِينٞ

Mu vy’ukuri, abarwanya Imana Allah n’Intumwa yayo mu kurenga ku mabwirizwa, bazoteterezwa nk’uko ab’aho hambere yabo bateterejwe. Ni ukuri Twebwe Allah, Twaramanuye Aayah zitomoye zerekana ko amabwirizwa y’Imana Allah ari kwo kuri. Nayo abagarariza mu kuzihakana bivuye inyuma, barategekanirijwe ibihano bisuzuguza.