58 : 10
إِنَّمَا ٱلنَّجۡوَىٰ مِنَ ٱلشَّيۡطَٰنِ لِيَحۡزُنَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَلَيۡسَ بِضَآرِّهِمۡ شَيۡـًٔا إِلَّا بِإِذۡنِ ٱللَّهِۚ وَعَلَى ٱللَّهِ فَلۡيَتَوَكَّلِ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ
Mu vy’ukuri kwongorerana, ni inyoshambi za shetani, kugira ngo abemeramana bicwe n’intuntu. Ariko nta co zizobagira, kiretse ku bushake bw’Imana Allah. Abemeramana rero, nibishimikize Imana Allah bayizere.