Skip to content
المَائدة /

Ayah 14

5 : 14

Ayah 14 of المَائدة (5 : 14). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

المَائدة Ayahs 120
Surah · المَائدة
Ikirundi · Gehiti
5 : 14

وَمِنَ ٱلَّذِينَ قَالُوٓاْ إِنَّا نَصَٰرَىٰٓ أَخَذۡنَا مِيثَٰقَهُمۡ فَنَسُواْ حَظّٗا مِّمَّا ذُكِّرُواْ بِهِۦ فَأَغۡرَيۡنَا بَيۡنَهُمُ ٱلۡعَدَاوَةَ وَٱلۡبَغۡضَآءَ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِۚ وَسَوۡفَ يُنَبِّئُهُمُ ٱللَّهُ بِمَا كَانُواْ يَصۡنَعُونَ

Twaranahaye abavuze bati: “Mu vy’ukuri, twebwe turi abanaswara dukurikira Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah)”, isezerano ryabo ryuko bemera iyo Ntumwa barungikiwe banayishigikire, baraheza bahindura idini ryabo, mu kureka bimwe mu vyo bibukijwe, ntibavyubahiriza, nka kurya nyene Bene Israyeli babigenjeje, Duca Tubiba urwanko n’inzigo vyamaho hagati yabo gushika ku musi w’umuhero w’isi. Kandi rero ku musi w’iharurirwa, Imana Allah Izoheza Ibabwire ibintu bibi bari barakoze kw’isi, Inabibahanire.