34 : 52
وَقَالُوٓاْ ءَامَنَّا بِهِۦ وَأَنَّىٰ لَهُمُ ٱلتَّنَاوُشُ مِن مَّكَانِۭ بَعِيدٖ
Bamaze kubona nya bihano rero, bazoca bavuga bati: “Twemeye Imana Allah, twemeye n’Ibitabu hamwe n’Intumwa vyayo”. Bishoboka gute ko bashika ku kwemera mu buzima bw’inyuma yo gupfa kandi baramaze kugera kure aho bitagikunda!