34 : 53
وَقَدۡ كَفَرُواْ بِهِۦ مِن قَبۡلُۖ وَيَقۡذِفُونَ بِٱلۡغَيۡبِ مِن مَّكَانِۭ بَعِيدٖ
Ni ukuri baragararije Imana Allah, Ibitabu hamwe n’Intumwa vyayo bakiri kw’isi; barondera gushika ku kuri kandi bari mu makenga abata kure yakwo, maze baraguhusha ntibagushikira; nka kurya ata wugema ikintu kandi ari kure cane yaco.