لِإِيلَٰفِ قُرَيۡشٍ
Kubera akamenyero k’Abakorayishi;
قُرَيش is chapter 106 of the Quran and has 4 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.
لِإِيلَٰفِ قُرَيۡشٍ
Kubera akamenyero k’Abakorayishi;
إِۦلَٰفِهِمۡ رِحۡلَةَ ٱلشِّتَآءِ وَٱلصَّيۡفِ
Akamenyero kabo ko kuja mu gihugu ca Yemeni kiri mu bumanuko mu rushana, no kuja mu bihugu vyo muri Shaamu biri mu buraruko mu ci, aho baja kurangura ibidandazwa, bakishira bakizana ata nkomanzi.
فَلۡيَعۡبُدُواْ رَبَّ هَٰذَا ٱلۡبَيۡتِ
Kubera ivyo rero, nibashimire Imana Rurema Nyene iyi ngoro ntagatifu (Al-Ka’ba), babaye hambavu yayo batekaniwe; baheze bayiyegereze mu vyo bakora vyose banayisenge ari Imwe Rudende;
ٱلَّذِيٓ أَطۡعَمَهُم مِّن جُوعٖ وَءَامَنَهُم مِّنۡ خَوۡفِۭ
Yo Yabafunguriye Ikabakiza inzara, Ikabaha n’umutekano, Ikanabakiza ubwoba.