Skip to content

"Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu ico ari co cose umuntu akoze

Mu vyakiriwe na Shaddaadi mwene Ausi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Hari ibintu bibiri nashize ku muzirikanyi ndavyumvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aho yavuze iti:

"Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu ico ari co cose umuntu akoze. Iyo rero mwishe (mu kwihora uwishe) ba mwica mu bugwaneza; n'iyo mubaze igitungwa, muraheza mukibage mu bugwaneza; kandi rero umwe wese muri mwebwe, nabe abanza gukarisha neza imbugita yiwe, hanyuma aheze aruhure n'ikibagwa ciwe"".

«إِنَّ اللهَ كَتَبَ الْإِحْسَانَ عَلَى كُلِّ شَيْءٍ، فَإِذَا قَتَلْتُمْ فَأَحْسِنُوا الْقِتْلَةَ، وَإِذَا ذَبَحْتُمْ فَأَحْسِنُوا الذَّبْحَ، وَلْيُحِدَّ أَحَدُكُمْ شَفْرَتَهُ، فَلْيُرِحْ ذَبِيحَتَهُ».

Yashikirijwe na Muslimu
Inyigishi y'intumwa yemewe
Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ko mu vy'ukuri, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yadutegetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu cose dukoze. Ijambo "al-ihsaan", risigura kwama umuntu yitwararika Imana Allah igihe cose, mu bikorwa vy'ukuyiyegereza, mu gukora ivyiza, no mu kutageramira ibiremwa, ni muri iyo nsiguro rero, umuntu akwiye kurangwa n'ubugwaneza igihe c'ukwica ikiremwa n'igihe c'ukubaga ibitungwa. Ukurangwa n'ubugwaneza rero mu kwica uwishe "qiswaasw", ni ugukoresha uburyo n'inzira yoroshe kandi yihutisha ugucikana kw'umuntu atabanje kuruha. Nayo ukurangwa n'ubugwaneza mu kubaga igitungwa, ni ukugirira impuhwe igitungwa maze umuntu akabanza gukarisha imbugita, ntaheze ngo akarihirize nya mbugita imbere ya nya gitungwa kimuraba, ntanaheze ngo akibagire imbere y'ibindi bitungwa bikiraba.

Insobanuro y'amajambo

الشفرة: السكين العريضة.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

Igaragazwa ry'impuhwe n'ikigongwe Imana Allah Ifitiye ibiremwa.

Irangwa n'ubugwaneza mu kwica no mu kabaga, mu gukoresha uburyo bwashinzwe n'amategeko y'ikislamu.

Amategeko y'ubwislamu aratunganye kandi nta na kimwe yasize inyuma mu vyiza vyose, muri ivyo, akaba ari ukugirira ibikoko impuhwe n'ikigongwe.

Kubuza ko uwishwe, yocunagurwa agahohoterwa inyuma yo kumwica.

Iziririza ry'ikoreshwa ry'ikintu ico ari co cose cotuma igikoko gicunagurwa kikababazwa.

Ibitabu vyisunzwe mu kwandika

Igitabu "Swahiihu Muslim" (3/ 1548) (1955).

Ivyiyongeyeko (8)

التحفة الربانية في شرح الأربعين حديثا النووية (ص38).

شرح الأربعين النووية.

لابن عثيمين (ص185).

فتح القوي المتين في شرح الأربعين وتتمة الخمسين.

للعباد (ص65).

فتح الباري.

لابن حجر (9/ 644).

شرح النووي على مسلم (13/ 107).