Skip to content
Surah List /

الإنسَان

الإنسَان is chapter 76 of the Quran and has 31 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

31 Ayahs Surah No. 76
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

هَلۡ أَتَىٰ عَلَى ٱلۡإِنسَٰنِ حِينٞ مِّنَ ٱلدَّهۡرِ لَمۡ يَكُن شَيۡـٔٗا مَّذۡكُورًا

Mu vy’ukuri, haraciye igihe kirekire ku muntu atarahuhirwamwo inkomoko y’ubuzima "Roho", ntiyari bwabe ikintu kivugwa.

إِنَّا خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ مِن نُّطۡفَةٍ أَمۡشَاجٖ نَّبۡتَلِيهِ فَجَعَلۡنَٰهُ سَمِيعَۢا بَصِيرًا

Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaremye umuntu mu ntanga zivanze (iz’umugabo n’iz’umugore), kugira Tuzomugerageze mu kwubahiriza amabwirizwa, Turaheza Tumugira uwumva, abona, kugira azobazwe ku co yumvise no ku co yabonye.

إِنَّا هَدَيۡنَٰهُ ٱلسَّبِيلَ إِمَّا شَاكِرٗا وَإِمَّا كَفُورًا

Mu vy’ukuri, Twaramumenyesheje Turanamutomorera inzira y’ubugororotsi n’iy’ubuhuvyi, iy’ivyiza n’iy’ibibi. Kubera ivyo rero, ashobora guhitamwo kwemera Imana Allah, agashima ivyiza Yamuhaye, canke akagarariza Iyamuremye, agahakana inema zayo.

إِنَّآ أَعۡتَدۡنَا لِلۡكَٰفِرِينَ سَلَٰسِلَاْ وَأَغۡلَٰلٗا وَسَعِيرًا

Mu vy’ukuri, Twarateguriye abagarariji amapingu bazoboheshwa ku maguru, hamwe n’iminyororo bazoboheshwa amaboko yabo mw’izosi, Twarabateguriye n’umuriro wama wegenyejwe.

إِنَّ ٱلۡأَبۡرَارَ يَشۡرَبُونَ مِن كَأۡسٖ كَانَ مِزَاجُهَا كَافُورًا

Mu vy’ukuri aberanda bagamburukira Imana Allah, bazonywa mu Bwami bw’ijuru inzoga itaboreza ivanzwe na “Kaafuuri”.

Explanation & meanings · 1
  1. Kaafuuri, ni umwambiro uzoha ibinyobwa akanovera n’akamoto keza.