Skip to content
الطَّلَاق /

Ayah 2

65 : 2

Ayah 2 of الطَّلَاق (65 : 2). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الطَّلَاق Ayahs 12
65 : 2

فَإِذَا بَلَغۡنَ أَجَلَهُنَّ فَأَمۡسِكُوهُنَّ بِمَعۡرُوفٍ أَوۡ فَارِقُوهُنَّ بِمَعۡرُوفٖ وَأَشۡهِدُواْ ذَوَيۡ عَدۡلٖ مِّنكُمۡ وَأَقِيمُواْ ٱلشَّهَٰدَةَ لِلَّهِۚ ذَٰلِكُمۡ يُوعَظُ بِهِۦ مَن كَانَ يُؤۡمِنُ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِۚ وَمَن يَتَّقِ ٱللَّهَ يَجۡعَل لَّهُۥ مَخۡرَجٗا

Mu gihe cose rero abakenyezi bazoba bari mu guheza ikiringo co kwarama ku kwahukana “eda”, murasubirana na bo ku neza, canke mwahukane na bo ubutagisubirana ku neza ico kiringo giheze. Maze mubimenyeshe ivyabona vy’intungane bibiri muri mwebwe, kandi mube amasura ku bw’Imana Allah ata ho mwegamiye. Ivyo bitegetswe uwemera Imana Allah n’umusi w’umuhero w’isi. Uwo wese atinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, Imana Allah Izomworohereza ibimukura mu ngorane;