Skip to content
الأنعَام /

Ayah 91

6 : 91

Ayah 91 of الأنعَام (6 : 91). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الأنعَام Ayahs 165
Surah · الأنعَام
Ikirundi · Gehiti
6 : 91

وَمَا قَدَرُواْ ٱللَّهَ حَقَّ قَدۡرِهِۦٓ إِذۡ قَالُواْ مَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ عَلَىٰ بَشَرٖ مِّن شَيۡءٖۗ قُلۡ مَنۡ أَنزَلَ ٱلۡكِتَٰبَ ٱلَّذِي جَآءَ بِهِۦ مُوسَىٰ نُورٗا وَهُدٗى لِّلنَّاسِۖ تَجۡعَلُونَهُۥ قَرَاطِيسَ تُبۡدُونَهَا وَتُخۡفُونَ كَثِيرٗاۖ وَعُلِّمۡتُم مَّا لَمۡ تَعۡلَمُوٓاْ أَنتُمۡ وَلَآ ءَابَآؤُكُمۡۖ قُلِ ٱللَّهُۖ ثُمَّ ذَرۡهُمۡ فِي خَوۡضِهِمۡ يَلۡعَبُونَ

Ababangikanyamana ntibahaye Imana Allah icubahiro nya cubahiro kiyikwiye, igihe bahakana imanurwa ry’Ibitabu bakinamura bati: “Imana Allah ntiyigeze Ihishurira n’umwe mu biremwa ikintu na kimwe”. Babwire uti: “Nivyaba ari nk'uko mubivuga, none ni nde yamanuriye Musa Igitabu ca Tawurati yazaniye abantu biwe kugira kibabere umuco utandukanya ukuri n’ikinyoma, kibabere n'inzira y’ubugororotsi!”, ni na co Gitabu mwebwe abayahudi mwagize impapuro zitatanye, mwerekana zimwe, mukanyegeza nyinshi muri zo. Bantu ba Muhamadi! Na mwe mwarigishijwe muri Qor’ani ivyo mutari muzi, mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Imana Allah, ni Yo Yamanuye nya Gitabu”, hanyuma ubarekere mw’ihakana n’ityoza ryabo.

Explanation & meanings · 2
  1. Mu vyanyegejwe muri Tawurati, ni ibiranga Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
  2. Muri Qor'ani, harimwo inkuru z’ivyabaye aho hambere yanyu, ibizoba muri kazoza n’ibizobashikira inyuma yo gupfa.