Skip to content
الأنعَام /

Ayah 152

6 : 152

Ayah 152 of الأنعَام (6 : 152). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الأنعَام Ayahs 165
Surah · الأنعَام
Ikirundi · Gehiti
6 : 152

وَلَا تَقۡرَبُواْ مَالَ ٱلۡيَتِيمِ إِلَّا بِٱلَّتِي هِيَ أَحۡسَنُ حَتَّىٰ يَبۡلُغَ أَشُدَّهُۥۚ وَأَوۡفُواْ ٱلۡكَيۡلَ وَٱلۡمِيزَانَ بِٱلۡقِسۡطِۖ لَا نُكَلِّفُ نَفۡسًا إِلَّا وُسۡعَهَاۖ وَإِذَا قُلۡتُمۡ فَٱعۡدِلُواْ وَلَوۡ كَانَ ذَا قُرۡبَىٰۖ وَبِعَهۡدِ ٱللَّهِ أَوۡفُواْۚ ذَٰلِكُمۡ وَصَّىٰكُم بِهِۦ لَعَلَّكُمۡ تَذَكَّرُونَ

Ntimukegere n'amatungo y’impfuvyi muhagarariye ngo muyakoreshe, kiretse mu kuyiyatunganiriza gushika igere mu bigero, ishobore kuyitunganiriza. Ba mukwiza ingero n’umunzane mu buryo butunganye. Nimwitwararika rero gukwiza ingero n’umunzane uko mushoboye, bizoba bikwiye, Twebwe Allah ntidutegeka umuntu gukora kiretse ivyo ashoboye. Nimwaramuka muvuze, na ho nyene muritwararika kuba intungane mu vyo muvuga n’aho mwobera ivyabona abavandimwe banyu, kandi n’isezerano Imana Allah Yabahaye ryo kwubahiriza amabwirizwa yayo, muraryubahiriza. Izo ngingo mudondaguriwe rero, ni ryo ragi ry’Imana Allah Yabahaye kugira mwikebuke, muheze mwibuke ingaruka z’ubuhakanyi bwanyu;

Explanation & meanings · 2
  1. Ata co murengejeko ata n’ico mugabanijeko.
  2. Mu gushikiriza inkuru, ingingo canke kuvugira umuntu no mu kuba ivyabona.